Uko wahagera

Ni Icahe Gihugu Cahaye Ibirwanisho Ikindi Hagati ya Afurika y'Epfo n'Uburusiya?


Prezida w'Uburusiya yongorerana n'uwa Afurika y'Epfo
Prezida w'Uburusiya yongorerana n'uwa Afurika y'Epfo

Muri Afrika y’epfo, ibinyamakuru vyatangaje ko itohoza ryakozwe ryasanze Reta y’ico gihugu ata birwanisho yahaye Uburusiya mu kinyegero mu mwaka urangiye w’i 2022. Umucamanza yasanze ahubwo ivyo birwanihso bivurwa ko vyahawe Uburusiya ari ico gihugu cabihaye igisirikare ca Afrika y’epfo.

Umucamanza yagenywe na Prezida wa Afrika y’epfo, Cyril Ramaphosa, yasanze ata birwanisho vyashizwe mu bwato butwara imizigo bw’Uburusiya mu kwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka urangiye, mu kibanza c’igisirikare kirwanira mu kirere ca Afrika y’epfo, hafi y’igisagara ca Cape Town.

Uwo mucamnaza yasanze ahubwo Uburusiya ari bwo bwahaye ibirwanisho Afrika y’epfo bigenewe inteko z’ico gihugu ziriko zigerageza gutuza abarwanyi b’abayislamu mu buraruko bw’igihugu ca Mozambike.

Wayne Duvenage, aharanira inyungu z’abanyagihugu yasavye ko Reta ya Afrika y’epfo ishira ahabona ivyatohojwe n’uwo mucamanza. Hari inyuma y’uko amakuru yari yatangajwe imbere y’aho yerekana ko Prezida Ramaphosa yashaka kubigumiza mw’ibanga nk’uko ibiro vyiwe vyabitangaje: Ivyatohojwe vyarimwo amabanga ajanye n’umutekano w’igihugu.

Duvenage yatangaje ko ata cizere afise ku vyavuye mw’itohoza ry’abantu bagenywe na Prezida Ramaphosa ubwiwe. Yavuze ko Ambasaderi wa Reta zunze ubumwe za Amerika muri Afrika y’epfo, atari gushikirza ibirego adafitiye ibimenyetso.

Yavuze ko ico bipfuze ari uko Reta ya Afrika y’epfo yokorera mu muco. Duvenage yavuze ko mu gihe cose Prezida Ramaphosa adashize ahabona amakuru yose afise, hazokwama hari amazinda n’urukurukuru, kuko ata cizere abanyagihugu bafitiye reta ihari muri iki gihe, kandi bafise impamvu zitari nke zo kutayigirira icizere.

Umuvugizi wa Prezida wa Afrika y’epfo, Vincent Magwenya, yabwiye Ijwi rya Amerika ko Prezida Ramaphosa afise umugambi wo gushira ahabona ingingo y’umucamanza yashinze amabanga yo gukora iryo tohoza, ariko ngo agiye kubanza kwihweza neza ivyo uyu mucamanza yatohoje.

Itohoza ku vyerekeye ikibazo c’ibigwanisho Afrika y’epfo yoba yahaye Uburusiya, ryakozwe inyuma y’uko Ambasaderi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Reuben Brigety asohoye itangazo ari i Pretoria mu kwezi kwa gatanu kw’uyu mwaka w’i 2023 ryavuzweko cane mu makungu.

Brigety yagize ati: Kuba Afrika y’epfo yahaye ibigwanisho Uburusiya, bitwawe mu bwato bw’ico gihugu bwari bwagiye ku kivuko c’ahitwa Simon’s Town, muri Afrika y’epfo, ni ibintu bidakwiye kwihangirwa. Nta kenka ko ivyo birwanisho vyatwawe mu bwato bw’Uburusiya. Nshobora kwemeza ata mazinda ko ivyo bintu vyabaye.

Brigety yatangaje ko ivyo birego bifatiye ko makuru y’iperereza ya Amerika. Yavuze ko vyongereje icuka kibi hagati ya Afrika y’epfo na Reta Zunze Ubumwe za Amerika cari gisanzwe kihari, kubera imigenderanire ikomeye Afrika y’epfo ifitaniye na Reta ya prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin.

Bamwe mu bashingamateka n’abakenguzamateka ba Kongre ya Amerika bari basavye ko Afrika y’epfo yirukanwa mu mugambi wa Amerika wa AGOA worohereza ubudandaji n’ibihugu vyo ku mugabane wa Afrika.

Umugambi wa AGOA uraha akaryo Afrika y’epfo ko gushorera ibidandazwa vyayo ku masoko yo muri Amerika ata matagisi itanze. Ubwo budandaji buratuma Afrika y’Epfo, ikura inyungu muri uyo mugambi w’agaciro k’imiliyaridi 11 y’amadolari ku mwaka.

Forum

XS
SM
MD
LG