Uko wahagera

Prezida Putine Yahojeje Imiryango ya Prigozhin n'abo Bapfanye


Prezida Vladimir Putin akoranya inama akanama kajejwe umutekano i Kremlin muri Moscou, mu Burusiya, kw'irariki ya 25/08/2023.
Prezida Vladimir Putin akoranya inama akanama kajejwe umutekano i Kremlin muri Moscou, mu Burusiya, kw'irariki ya 25/08/2023.

Prezida w’Uburusiya, Vladimir Putin, yavuye mu gacerere, aragira ico avuga ku ncuro ya mbere kw’isanganya y’indege yakorokeye mu Burusiya ku munsi wa gatatu. Yevgeny Prigozhin, atwara umurwi w’abarwanyi b’abacangero b’abarusiya, Wagner “yari muri iyo ndege y’abigenga yahitanye abantu 10 bose bari bayirimwo”.

Mu butumwa yacishije ejo ku wa kane kuri tereviziyo y’Uburusiya, Prezida Vladimir Putin, yahojeje imiryango y’ababuriye ababo muri iyo ndege yakorotse ku wa gatatu, avuga ko iryo sanganya ari “Akaga.”

Putin yagarutse kuri bimwe mu vyaranze Yevgeny Prigozhin, atwara umurwi w’abarwanyi b’abacangero b’abarusiya, Wagner, agira ati: “Prigozhin ndamuzi kuva kera mu myaka ya za 90. Yari umugabo atamenyerwa. Yarakoze amakosa menshi mu buzima bwiwe, ariko yarashitse ku bintu vyinshi vyiza.” Prezida Putin yongeye avuga ko muri kahise ka vuba, Yevgeny Prigozhin yasa nk’uwirengagiza ishusho nyayo y’ibihanze igihugu ciwe.

Indege yakorotse ku wa gatatu yarimwo n’ibindi vyegera vya hafi vya Yevgeny Prigozhin, wari umuyobozi wa Wagner. Prezida Putin, mw’ijambo ryiwe, yateye amashurwe abari bayirimwo avuga ko bagize uruhara runini mu ntambara y’Uburusiya na Ukraine, agira ati: “Twarasenyeye ku mugozi umwe. Turavyibuka. Turabizi. Ntituzokwigera tuvyibagira.”

Prezida w’Uburusiya yabandanije asigura ko amatohoza y’icatumye indege ikoroka azofata umwanya munini, yizeza ko azorangwa n’ukuri. Yongerako ati: Hari ubutungane bwa sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI, hakaba n’ubutungane bw’Imana. Ariko, Uburusiya nabwo burafise ubutungane bwabwo.

Indege yakorotse ku wa gatatu, umunsi amezi abiri yari arumanye neza Prigozhin ayoboye abarwanyi bagerageje kwinjira I Moscow mu vyafashwe nk’imigumuko yo kwiyamiriza ubutegetsi bwa Prezida Putin. Ico gihe, Putin yise Prigozhin yahoze ari incuti yiwe magara “umuhemu”.

Mu bandi bamaze kugira ico bavuga kuri iyo ndege, harimwo prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, yavuze ko igihugu ciwe ataco ciyotsa kuri iyo nsanganya. Yagize ati: “Nibaza ko atawuyobewe uwukwiye kubibazwa.” Itororokanirozo ry’amakuru y’abafaransa, AFP, dukesha ino nkuru rivuga ko naho Zelensky ataduduriyeko, yavuga ko iyi dosiye yobazwa Prezida Putin.

Prezida w’Amerika Joe Biden nawe yavuze ko ata kintu kibera mu Burusiya prezida wabwo atakiri inyuma. Ubufaransa n’Ubudagi navyo biri mu makenga y’icatumye iyo ndege ihenuka.

Forum

XS
SM
MD
LG