Mu Burundi, kuva kuri uyu wa kane kugeza ku musi wa kabiri w'indwi iza, abajejwe amagara y'abantu bazokora isekeza ryo gutanga urucanco rw'indwara y'ubukangwe. Urucanco ruhabwa abana bari hagati y'umwaka n'imyaka 7.
Mw’itangazo umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu mu Burundi yasohoye, avuga ko iryo sekeza rizobera ku mitumba yose igize intara zose.
Abazokora igikorwa co gucandaga bazoca ku nzu ku nzu no mu bibanza bihuriramwo abantu benshi nk’amashengero, amasoko, ibituro vy’imiduga yunguruza abantu n’ibintu n’ahandi.
Igikorwa nk’iki cari gitegerejwe mu ntara zitandukanye.
Abavyeyi mu ntara ya Cibitoke mu buraruko bushira uburengero barashima ko reta yiyumviriye iryo sekeza. Ikibahimbara kurusha ariko ni uko abatanga izo canco bazishikira ku mihana.
Iryo sekeza rigira kabiri. Rije rikwirikira iryo mu kwa gatandatu uyu mwaka.
Mu ntango z’ukwa gatatu, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwaratangaje ko ingwara y’ubukangwe yasubiye kwibonekeza mu gihugu.
Ni inyuma y’imyaka 30 ata muntu ayigwaye mu Burundi, nk’uko vyemejwe na OMS, igisata ca ONU citaho amagara y’abantu. Muri uko kwezi, Reta yatangaje ko hari ikiza c’ingwara y’ubukangwe mu gihugu. Mu kwa gatandatu, abana bababa imiriyoni 3 ni bo bari baronkejwe incanco. Ubu abitezwe ntibaratangazwa uko bangana.
Forum