Igisirikare c’Amerika cavuze ko cakurikiraniye hagufi indege 4 za gisirikare zegukira Uburusiya, zabonetse ku wa Mungu n’ejo kuwa mbere mu kirere cegereye ica reta ya Alaska iri mu buraruko bushira uburengero bw’Amerika.
Igisata kibarizwamwo umutekano w’ibirere ku ruhande rwa Amerika yo mu buraruko catangaje ano makuru cumvikanisha ko izo ndege z’Uburusiya zagumye mu kirere mpuzamakungu, zitigeze zivogera ikirere c’Amerika canke ica Canada.
Ico gisata congeye gisigura ko ata ari ubwa mbere Uburusiya bukoreye igikorwa nk’ico mu micungararo y’ikirere ca Alaska, gutyo kigirako gihumuriza ko ata makenga giteye.
Mw’itangazo ico gisata casohoye, cavuze ko Amerika yiteguye gufata ingingo zibereye igihe cose vyoba ngombwa ko ikingira umutekano w’Amerika yo mu buraruko.
Forum