Uko wahagera

Ghana: Abatavuga Rumwe na Reta Bagabisha Prezida ku Mugambi wo Kurungika Inteko muri Nijeri


Prezida wa Ghana Nana Akufo-Addo
Prezida wa Ghana Nana Akufo-Addo

Abashingamateka batavuga rumwe na reta ya Ghana bagabishije Prezida Nana Akufo-Addo, ku mugambi w'ishirahamwe ryo gufashanya mu vy'ubutunzi ry'ibihugu vyo muri Afrika yo mu burengero, CEDEAO wo gushobora gukoresha inguvu za gisirikare muri Nijeri, mu ntumbero yo gusubizaho intwaro igendera kw'ibwirizwa shingiro muri ico gihugu.

Umwe muri abo bashingamateka, Samuel Okudzeto Ablakwa, yabwiye BBC ko inama nshingamateka ya Ghana itaraganira ku vyerekeye ikibazo co kurungika inteko muri Nijeri. Yavuze ko bitandukanye n’ibindi bihugu biza vyararonse akaryo ko kwihweza ico kibazo, bikanafata ingingo zikwiriye.

Samuel Akudzeto Ablakwa, ari mu murwi ushinzwe imigendernaire n’amakuru mu nama nshingamateka, yavuze ko Prezida Akufo-Addo ata burenganzira bw’abanyagihugu afise bwo gufata iyo ngingo. Yatangaje ko babona ko gukoresha inguvu za gisirikare atariyo nzira nzira yo gufata. Ablakwa yavuze ko abasirikare

ba Ghana botegerezwa kugira uruhara mu bibera muri Nijeri aho icuka kibi hagati y’ibihugu vy’ibihangange vyo kw’isi kiriko gitera ciyongera. Yatangaje ko bishobora guhungabanya bikomeye akarere kari gasanzwe karimwo ibibazo vy’umutekano.

Abatavuga rumwe na reta mu nama nshingamateka basaba ko ibiganiro vyubaka ari vyo vyoshirwa imbere mu gutorera inyishu ibiriko bibera muri Nijeri. Batangaje ko uburyro bugereranye igihugu gifise bwotegerezwa gukoreshwa mu gutorera inyishu ibibazo vy’ubutunzi igihugu kirimwo, cane cane inyuma y’uko ibanki y’isi yose ihaye Ghana imfashanyo y’amafranga y’imiliyaridi 2 n’imiliyoni 400 y’amadolari. (AFRICANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG