Uko wahagera

Uburusiya Bwagirije Ukraine Ibitero vya Misile ku Gitarurwa Kibuhuza na Krimeya


Igitarurwa gihuza Uburusiya na Krimeya
Igitarurwa gihuza Uburusiya na Krimeya

Uburusiya buvuga ko bwaburijemwo ibitero 2 vy’ibisasu vya misile, “Ukraine yari yagiye kugaba mu micungararo y’igitarurwa gihuza intara ya Krimeya n’Uburusiya.”

Umushikiranganji ajejwe ukwivuna abansi mu Burusiya, yavuze ko igitero ca mbere igihugu ciwe cegetse kuri Ukraine cagabwe mu ntango z’umuhingamo w’uno wa gatandatu, abajejwe umutekano bakakiburizamwo, ica kabiri kiza kugabwa inyuma y’umwanya muto w’ica mbere.

Uwutwara intara ya Krimeya, abicishije ku rubuga rwa Telegram nawe nyene yavuze ko ibitero vya misile 2 vyose vyakozwe na Ukraine, agirako yemeza ko ataco vyononye. Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburusiya n’ayandi makungu, yavuze ko ibitero vy’uno wa gatandatu atari ivyo kwihanganganira, yumvikanisha ko igitarurwa cahastwe guterwa gicako abasivile.

Forum

XS
SM
MD
LG