Uko wahagera

Burundi: Reta Yatangaje Umugambi wo Kugwiza Amazi yo Kuvomerera Imirima


Ubushikiranganji bujejwe igisata c’ubutunzi mu Burundi, bwaratangaje kuri uyu wa kabiri ko hari umugambi wo kugwiza amazi yofasha mu kuvomera imirima kugira uburimyi butere imbere mu ntara z'imbo no mu bindi bice bigize igihugu. Intumbero nyamkuru ni ukugira ngo igisata c’uburimyi citabweho gusumba.

Mu nama yahurije hammwe abajejwe intwaro barimwo ba musitanteri na ba buramatari hamwe n’amashirahamwe yigenga Ubushikiranganji bujejwe ibidukikije, uburimyi n’ubworozi, ikibazo co gushira inguvu ku kijanye n’uburimyi na cane cane kwubaka ingomero cavuzweho cane.

Umushikiranganji ajejwe ubutunzi Audace Niyonzima yagiranye na bamwe mu bajejwe intwaro guhera hasi kuri uyu wa kabiri yabasiguriye uko iyo migambi igomba gushirwa mu bikorwa.

Umviriza ibindi muri ino nkuru dushikirizwa na Thierryve Ndayishimiye

Reta y'Uburundi Igiye Kubaka Ingomero zo Kuvomerera Imirima
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:58 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG