Uko wahagera

Bédié Yahora Atwara Kote Divuwari Yitavye Imana


Henri Konan Bédié, yitavye umuremyi, yari yifuza gushira hamwe abatavuga rumwe na reta bose kugira batsinde amatora maze bakure ku butegetsi Alassane Dramane Ouattara
Henri Konan Bédié, yitavye umuremyi, yari yifuza gushira hamwe abatavuga rumwe na reta bose kugira batsinde amatora maze bakure ku butegetsi Alassane Dramane Ouattara

Uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Kotedivuwari Henri Konan Bédié yitavye Imana ku myaka 89. Yari yizewe n’umugambwe wiwe utavuga rumwe na reta PDCI kugira azowuserukire mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu matora yo mu mwaka w’2025. Umugambwe wiwe wavuze ko waguye mu gahundwe ariko ko ugiye kumusubiriza vuba.

Uyu yatwaye ico gihugu kuva mu mwaka w’1993-1999, yaraye aguye mu bitaro “Polyclinique Internationale Sainte Anne-Marie (PISAM)" biri I Abidjan ku murwa mukuru w’igihugu ciwe, ahitanywe n’ingwara.

Bédié, yari umutama ariko akiboneka ko agifise inguvu n’ivyiyumviro ku myaka yiwe 89 nk’uko abamwegereye babisigura. Intebe y’umukuru w’igihugu n’ubundi yari yarashatse kuyigarukamwo mu matora yo mu mwaka w’2020, ariko uwo bahiganwa, batavuga rumwe ari we mukuru w’igihugu ahari, Alassane Dramane Ouattara aramutsinda.

Umugambwe wiwe uvuga ko waguye igihumura. Aminata Diop ni umunyamabanga wa PDCI. "Ni nk’igihuhusi kidukubise, twaratangaye cane kuko ntavyo twari twizeze tumuravye ingene yarameze. Isi yatuguyeko ariko turihangana kandi ivyiyumviro vyiwe tuzobikurikiza."

Umugambwe PDCI ni wo warondeye intahe yo kwikukira, utwara ubutegetsi kuva mu mwaka w’1960 kuri prezida wa mbere Felix Houphouët-Boigny ari nawe yasubiriwe na Bédié ndetse nubu yaracemeza ko ari mu kirenge ciwe kandi ari we samurarwa wiwe.

Konan Bédié yashatse kwongereza ikiringo ciwe mu mwaka w’1999 maze abasirikare bamubera intambamyi, bamuhirika ku butegetsi maze Robert Gueï, aba prezida w’imfatakibanza ivyatumye ahungira mu gihugu ca Togo no mu Bufaransa.

Mu nyuma mu mwaka w’2000, Laurent Bagbo yatsinze amatora aja ku ntebe y’umukuru w’igihugu intwaro za gisirikare zirahagarara.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:37 0:00

, gutyo abandanye umugambi wo gusubiza hamwe abanyagihugu.

Abahinga bemeza ko yobishitseko kuko ibihangange muri politike nka Laurent Bagbo n’abandi nk’uwahoze ari umushikiranganji w’urwaruka n’imico kama Charles Blé-Goudé bahoze bakurikiranwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI barekuwe kandi bakaba bari bamushigikiye.

Uwusigaye ari imfatakibanza ku burongozi bw’umugambwe wa Bédié akaba ari nawe ajejwe amatora muri uwo mugambwe yemeza ko umugambwe udapfakaye. Niamkey Koffi yagize ati "Ivyiyumvyro vyiwe, umugambi mwiza wiwe wo gushira hamwe abanya Kotedivuwari tuzovubanyanya kandi mu mahoro n’umutekano. N’isubirizwa ryiwe nta ngorane rizotera."

Henri Konan Bédié, yavukiye ahitwa Dadiékro, hagati mu gihugu, mu muryango w’abarimyi b’igiterwa ca kakawo. Iruhande yo kuba umukuru w’igihugu, uwo mugendanyi wa prezida wa mbere wa Kotedivuwari Felix Houphouët-Boigny yari yaratwaye amabanga atari make aba n’umushikiranganji mu bihe bitandukanye muri reta yiwe.

Forum

XS
SM
MD
LG