Uko wahagera

Jenerali Tchiani: Nijeri Gikeneye Intumbero Nshasha.


Ku murwa mukuru wa Nijeri
Ku murwa mukuru wa Nijeri

Jenerali Abdourahmane Tchiani ayoboye abasirikare bagumutse bagapfunga prezida wa Nijeri, Mohamed Bazoum, yashikirije ijambo abanyagihugu, uno musi ku wa gatanu, imisi ibiri inyuma y'uko igisirikare gifashe ubutegetsi.

Uyu mujenerali, azwi kw’izina rya Omar, yatangaje ko igihugu gikeneye gufata intumbero nshasha. Yavuze ko we n’abandi bafashe ingingo y’ugufata ibintu mu minwe kugira batorere inyishu ibibazo vy’umutekano, n'ubutunzi biraje ishinga abanyagihugu. Tchiani yavuze ko ingingo bafashe yatumwe n’uko bahangayikishijwe n’ineza y’igihugu cabo kubera umutekano utera uhungabana kurushiriza mu gihugu. Yatangaje ko abategetsi batatoreye inyishu z’ukuri ibibazo bihanze igihugu, vyaba ivyerekeye ubutunzi canke intwaro ibereye.

Jenerali Tchiani yatangaje ko avugira umurwi w’abasirikare bavuga ko bafashe ubutegetsi. Yasavye abanyagihugu kuguma batekanye, yamara bari magabo, hamwe no gufatana mu nda kugira batorere inyishu ibibazo bijanye n’umutekano, ubutunzi n’imibano bihanze igihugu. Yabwiye amakungu ko Nijeri izobandanya kwubahiriza ivyo yiyemeje ku bijanye n’amategeko mpuzamakungu, harimwo agateka ka muntu.

Ishirahamwe rijejwe gufashanya ry’ibihugu vyo muri Afrika yo mu burengero, CEDEAO, ryarateye ivyatsi kudeta muri Nijeri. Ryasavye ko Prezida Mohamed Bazoum arekurwa. (AFRICANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG