Uko wahagera

Amakungu Yamaganye Kudeta muri Nijeri


Abasirikare bakoze kudeta muri Nijeri
Abasirikare bakoze kudeta muri Nijeri

Abategetsi b'ibihugu vyo kw'isi bishuye ku bisa na kudeta yabaye, ku musi wa gatatu, muri Nijeri. Ni inyuma y'uko inteko zijejwe gucungera prezida wa Nijeri, Mohamed Bazoum, zimupfungiye mu biro vyiwe, ku murwa mukuru, Niamey.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, Antony Blinken, yatangaje ko yavuganye na prezida wa Nijeri, mu gitondo co kuri uyu wa kane, akaba yamugaragarije ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zimushigikiye zivuye inyuma nk’umukuru w’igihugu yatowe biciye mu nzira ya demokrasi. Blinken yabitangaje mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ari mu gihugu ca Nouvelle-Zelande.

Ku musi wa gatatu, umutegetsi mushasha w’ishirahamwe ry’ugufashanya mu vy’ubutunzi ry’ibihugu vyo muri Afrika yo mu burengero, CEDEAO, Prezida wa Nijeriya, Bola Tinubu, yatangaje ko prezida wa Benin, Patrice Talon, azoja muri Nijeri mu gikorwa c’uguhuza impande zihanganye muri ico gihugu.

Prezida Talon yari i Abuja mu nama na Prezida Tinubu. Ivy’uko azoserukira ishirahamwe CEDEAO canke azoba agiye ku giti ciwe bwite mu mabanga y’umuhuza ntibitomoye.

Mu vyo yatangaje imbere y’uko agira urugendo i Niamey, Prezida Talon yasiguye ko uburyo bwose buzokoreshwa, mu gihe bizoba bikenewe, kugira ibwirizwa shingiro risubire kwubahirizwa muri Nijeri. Yamara yavuze ko mu bisanzwe ibintu vyotegerezwa kuba mu mahoro no mu bwimvukane.

Prezida Talon yatangaje ko ibyabaye muri Nijeri biteye amakenga ku buryo ishirahamwe CEDEAO na prezida wa Nijeriya n'uwa Benin bategerezwa guhagurukira ikibazo ca Nijeri bagafata ingingo vyihutirwa. (AFRICANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG