Uko wahagera

Perezida Putin Yemeye Kuzatanga Intete Muri Afurika mu Mezi ari Imbere


Ingano zitegereje gupakirwa ku cyambu cya Odesa mu majyepfo ya Ukraine
Ingano zitegereje gupakirwa ku cyambu cya Odesa mu majyepfo ya Ukraine

Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin, kuri uyu wa kane, yabwiye abategetsi b'ibihugu vya Afrika ko azobaha amatoni n'amatoni y'intete mu mezi ari imbere, ngo naho ibihugu vyo mu burengero bw'isi vyafatiye ibihano igihugu ciwe.

Yatangaje ko ivyo bihano vyatumye bitorohera Uburusiya gushorera hanze intete n'ibitabizo.

Mw’ijambo yashikirije abitavye inama igenewe imigenderanire hagati y’Uburusiya na Afrika iriko ibera mu gisagara ca St Petersburg, Prezida Putin yatangaje ko igihugu ciwe citeze umwimbu ukomeye cane w’intete muri uyu mwaka w’i 2023.

Yavuze ko yiteguriye gusubirira Ukraine mu gushorera intete ku mugabane wa Afrika, kandi ko azokwubahiriza uruhara rw’igihugu ciwe mu gutuma ata kibazo c’ibifungurwa kihaba ku masoko mpuzamakungu.

Prezida Putin yabwiye abari mu nama, bishuye mu kumukomera amashi, ko yiteguriye guha ibihugu vya Burkina Faso, Zimbabwe, Mali, Somaliya, Santrafrika na Eritreya hagati y’amatoni 25,000 na 50,000 y’intete ku buntu igihugu kimwe kimwe cose mu mezi atatu canke ane ari imbere.

Putin yabwiye abitavye inama iriko ibera mu gisagara ca St Petersburg, ko ibirenga ibice 70 kw’ijana vy’intete Ukraine yashoreye mu mahanga hisunzwe amasezerano yarangiye muri iki gihe, zagiye mu bihugu bitunze cane n’ibitunze mu buryo bugereranye, harimwo ibigize umuryango w’ubumwe bw’Ubulaya.

Yatangaje ko ibihugu bikenye nka Sudani vyaronse ibiri musi y’ibice bitatu vy’intete Ukraine yashoreye mu mahanga.

Vyitezwe ko amasezerano atari make aterwako igikumu mu nama ihuza Uburusiya na Afrika iriko ibera mu gisagara ca St Petersburg. Iyo nama ikwirikiye iya mbere yabereye ku murwa mukuru Moscou mu mwaka w’i 2019.

Biri mu mugambi w’Uburusiya wo gukomeza inguvu n’igihagararo ku mugabane wa Afrika.

Uburusiya butangaza ko ibihugu vyo muri Afrika 49 kuri 54 vyaserukiwe mu nama yo mu gisagara ca St Petersburg, harimwo abakuru b’ibihugu 17 n’amakuru b’amareta bane. (REUTERS)

Forum

XS
SM
MD
LG