Uko wahagera

Igipolisi c'Uburundi Cahagaritse Abantu 40 Bariko Berekeza muri Tanzaniya


Umujyi wa Kayanza mu Burundi aho abantu 40 bafatiwe berekeza muri Tanzaniya
Umujyi wa Kayanza mu Burundi aho abantu 40 bafatiwe berekeza muri Tanzaniya

Abantu barenga 40 bagizwe ahanini n'imisore bahagaritswe n'igipolisi n'abajejwe intwaro kuri uyu wa gatatu muri komine Muhanga. Iri mu ntara ya Kayanza mu buraruko bw'Uburundi.

Abafashwe bariko berekeza muri Tanzaniya nk'uko vyatangajwe n'abajejwe intwaro. Haheze igihe mu ntara zitandukanye abana barimwo n'abigeme baja gusuhukira muri ico gihugu kibanyi c'Uburundi.

Imiyabaga yahagaritswe yose hamwe ingana na 43 nk’uko vyemejwe n’abajejwe intwaro. Baturuka mu ntara za Kayanza na Ngozi mu buraruko bw’Uburundi. Bahagarikiwe mumihana itandukanye yo ku musozi witwa Gashibuka, uri muri zone na komine Muhanga mu ntara ya Kayanza. Bamwe mu banyagihugu

baganiriye n’Ijwi ry’Amerika ariko batashimye ko umwidondoro wabo umenyekana bavuze ko iyi miyabaga yari ifise imyaka iri hagati ya 14 na 20.

“Bamwe mubashoboye kutuvugisha bavuze ko bataye amashure kugira baje kurondera ubuzima muri Tanzaniya bitewe n’uko abavyeyi babo bari mubukene batakibasha kubatunga”, ni ko amasoko yacu yatwiganiye.

Amakuru ava mugipolisi amenyesha ko ari urwaruka rujejwe gukizura mw’ijoro rugizwe ahanini n’abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi Imbonerakure rwatanze amakuru y’imihana aba basore barimwo bavua ko babonye umurwi w’abantu batamenyerewe kandi batazwi muri ako karere.

Muri make musitanteri wa Muhanga Benoit Ndayizeye yabwiye abamenyeshamakuru ko hagiye gukorwa umwidondoro w’abo bana kugira basubizwe mu mihana i wabo.

Abana basuhukira muri Tanzaniya baravugwa mu ntara zitandukanye nk’aba Ijwi ry’Amerika ryatohojeko mu kwezi kwa gatanu uyu mwaka mu ntara ya Karusi hagati na hagati hashira ubuseruko. Uwu muvyeyi afise umwana yaramutorotse.

Agnes Njemurweze atwara ikigo c’ingo n’imiryango muri Bugenyuzi bwa Karusi avuga ko ubukene bwo mu ngo aribwo butuma imiyibaga yiyumvira guta ikomoka.

Urunani rw’amashirahamwe akorera mugisata c’agateka k’abana ruvuga ko ari ikibazo cega igihugu cose. Muri 2022 ryatohoe ku bana barenga 500 baroye kugurishwa hanze y’Uburundi.

David Ninganza icegera c’umukuru wa SOJEPAE, ishirahamwe ryitaho ineza y’abana asanga nyabuna hakwiye kuba uguhimiriza abatware bo ku nzego zo hasi kugira bamenye uko agateka k’abana kubahirizwa kakanakingirwa.

Avuga ko abana benshi bisanga mw’ibabarabara canke bakajanwa hanze y’igihugu bitewe n’uko agateka kabo katitaweho mukibano.

Abantu bane harimwo umugore umwe bafashwe n’igipiolisi kumvo z’amatohoza. Bikekwa kuba bari mubarungika iyo miyabaga muri Tanzaniya.

Hagati y’umwaka wa 2017 n’impera z’ukwezi kw’indwi kwa 2022, ikigo ca ONU kijejwe abimukira OIM kivuga ko mu Burundi abantu 1735 bagurishijwe hanze y’igihugu. Ico kigo cemeza ko 80% muri bo ari ab’igitsina gore.

Ariko umwaka uheze Reta yakoze utwigoro twinshi twatumye raporo ya Reta ya Amerika ku vyerekeye urucuruzwa rwa kiremwa muntu isubiza Uburundi ku rugero rwa kabiri hafatiwe ku manota ibihugu bigeregeza kurwanya urwo rudandazwa bihabwa. Urwo rugero hari haheze imyaka 12 yose Uburundi butaruhunahunye.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:35 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG