Uko wahagera

Umushikiranganji w'Ubutungane mu Burundi yahagaritse Abacamanza Batatu


President Evariste Ndayishimiye aheruka kuvuga kuri iki kibazo
President Evariste Ndayishimiye aheruka kuvuga kuri iki kibazo

Umushikiranganji w'ubutungane mu Burundi yahagaritse mu kiringo c'amezi abiri abacamanza batatu baheruka guhanisha umunyororo w'umwaka umunyeshure wo mu ntara ya Kirundo mu buraruko.

Mu ndwi iheze, Prezida Evariste Ndayishimiye yari yumvikanye avuga n'agashavu kenshi kuri iki kibazo yise "akamaramaza" maze ahamagarira abo bacamanza gutanga imihoho.

Abahagaritswe bose uko ari batatu ni abagabo. Bakora muri sentare nkuru y’intara ya Kirundo mu buraruko bw’Uburundi. Ni Benoit Ntisumbwa, Jean Pierre Sikubwayo na Joel Nibizi. Ingingo yo kubahagarika yatangajwe n’ubushikiranganji bw’ubutungane kuri uyu wa Mungu.

Ni inyuma y’urugendo umushikiranaganji ajejwe ico gisata yari yakoze ku musi wa kane w’indwi iheze aho mu Kirundo.

Domine Banyankimbona avuga ko ivyabaye ari ugusamara.

David Ninganza icegera c’umukuru w’ishirahamwe SOJEPAE ryitaho agateka k’abana mu Burundi avuga ko bibabaje kubona ari umushikiranganji arinda kwisidukira akaja mu ntara yabayemwo amabi akorerwa abana kandi hari izindi nzego. Yabwiye Ijwi ry’Amerika ko bikunze kuba kenshi.

Ninganza, icegera c’umukuru wa SOJEPAE yemeza ko mu mashure menshi, abana b’abigeme bashurashizwa n’abayobozi canke abarimu hagahanwa uwakorewe icaha.

Ibi Prezida Evariste Ndayishimiye yari yavyidoze cane n’agashavu kenshi mundwi iheze ari mu ntara ya Karusi.

Umupfasoni Banyankimbona na we avuga ko agiye kugwiza impanuro kubo bakorana.

Ku mbuga nkoranyambaga abatari bake banditse bavuga ko igihano aba bacamanza bo mu Kirundo bahawe kidendanye n’ikosa bari bakoze ryo kurenganya umuyabaga ari mu mwaka wa nyuma w’ishure rya Mugendo muri komine Ntega mu ntara ya Kirundo mu gisata c’indimi.

Abandi bagabo batatu, uwahoze ari umuyobozi w’iryo shure, uwujejwe ivyigwa n’umwarimu barungitswe mw’ibohero rikuru rya Ngozi aho Christelle Ndayishimiye yaraye hagati y’itariki 13 na 16 z’uku kwezi.

Forum

XS
SM
MD
LG