Uko wahagera

Igisirikare Kirwanira mu Mazi ca Maroc Catabaye Bimukira 900 mu Minsi 7


Abimukira barohowe mu nyanja bavuye muri Afurika bagana i Burayi
Abimukira barohowe mu nyanja bavuye muri Afurika bagana i Burayi

Mu kiringo c’imisi mikeyi irangiye, igisirikare kirwanira mu mazi ca Maroc catabaye abimukira bagera ku 900.

Benshi muri bo baturuka mu karere ko muri Afrika yo musi y’ubugararwa bwa Sahara, harimwo 400 bari mu mazi y’ibahari Mediterane akukira ico gihugu. Mu bikorwa vyo gutabara, ikiziga c’umuntu umwe carakuwe mu mazi.

Ivyo vyabaye kuva kw’itariki 10 gushika kuri 17 y’uku kwezi kw’indwi. Abagera ku 400 batabawe mu mazi akurira Maroke mu bumanuko bw’ico gihugu. Abo bimukira biroshe mu mazi y’ibahari Mediterane bari mu bwato budakwije ibisabwa kugira bushobore gutwara abantu, mu gihe bamwe muri bo bategerejwe kwoga muri ayo mazi.

Abatabawe bakiwe mu bwato bw’ingwano bw’igihugu ca Maroke imbere y’uko bashikanwa ku butaka kugira bamenyekane. Mu butumwa Twitter, ku musi wa kabiri, ishirahamwe rijejwe gutabara, Alarmphone, ryatangaje ko abantu 24 bapfuye igihe ubwato bwari butwaye abantu 61 bwazama mu mazi yegereye intara ya Sahara yo mu burengero haheze imisi ibiri.

(AFRICANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG