Ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, uno musi ku wa kabiri, ryagabishije amakungu ko yokwitegurira ubushuhe bukomeye buzotera bwiyongera. Ibihugu vyo mu buraruko bw'isi bihanganye n'ubushuhe bukomeye cane.
Abategetsi bajejwe amagara y’abantu baragabishije ababa mu karere ko muri Amerika yo mu buraruko, i Buraya na Aziya, kuguma banywa amazi n’ukwikingira ubushuhe ntangere buharangwa muri iki gihe. John Nairn, umuhanuzi mu bijanye n’ubushuhe burengeye urugero mu kigo c’ishirahamwe ONU gikwirikirana ivyerekeye ikirere kw’isi, yabwiye abamenyeshamakuru ko amakungu akwiye kwitegurira ubushuhe bukomeye cane kurushiriza kuko buzobandanya.
Umuhinga John Nairn yagabishije ku ngaruka ubushuhe burengeje bushobora kugira ku magara y’abanyagihugu. Yavuze ko ubushuhe mu karere ko mu burengero bw’isi bwiyongeye incuro zitandatu kuva mu myaka y’i 1980. Yatangaje ko ibimenyetso bihari biterekana ko ubwo bushuhe buzogabanuka. Nairn yavuze ko ubwo bushuhe butera bwiyongera buzogira ingaruka zikomeye cane ku magara y’abanyagihugu n’ubuzima bwabo.
Abahinga batangaje ko ihindagurika ry’ibihe riva ku bikorwa vy’abantu biriko bituma ubushuhe bwiyongera bikomeye kw’isi. Abajijwe icokorwa mu ntumbero y’ugugaharika ubwo bushuhe, umuhinga wa ONU John Nairn yishuye mu kuvuga ko ubutumwa afise bworoshe: uguhagarika gukoresha amasoko ntangavugu yonona ibidukikije. (AFP)
Forum