Uko wahagera

Uburundi Bwagabishije Abanyegeza Igitoro


igitoro co mu bwoko bwa essence cabuze
igitoro co mu bwoko bwa essence cabuze

Ubushikiranganji bw’Intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n’umutekano mu burundi, butangaza ko abajejwe intwaro guhera hasi hamwe n’inyamiramabi mu gipolisi c’uburundi, aribo ntandaro y’ibura ry’igitoro rimaze igihe ryibonekeza mu Burundi.

Ivyo vyashikirijwe abamenyeshamakuru inyuma y’ikiganiro umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu,iterambere rusangi n’umutekano Martin Niteretse yagiranye naba Buramatari bo mu ntara zose z’uburundi barikumwe n’inyamiramabi mu gipolisi c’uburundi.

Bariko biga ku bibazo bitandukanye biteza imbere umwenegihugu birimwo n’ikibazo c’igitoro kimaze iminsi gihanze Uburundi.

Ikibazo co kujana igitoro mu mazu ku kinyegeza kugira ngo kigurishwe menshi, umushikiranganji yamenyesheje ko bitarenze indwi imwe gusa kizoba catorewe umuti, aho abajejwe intwaro bazofatwa bagahanwa kuhazokwibonekeza ubwo bugizi bwa nabi.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:56 0:00

Gusa n’aho biri uko, mu kiganiro n’abavugizi b’inzego za Leta n’umukuru w’igihugu giherutse kubera mu ntara ya Muramvya, umuvugizi w’umukuru w’igihugu Rosine Guilaine Gatoni we yashikirije ko hari abarwizatunga bahawe uburyo bwo kuzana igitoro ariko bakanka gusohora amakamyo yabo. Abo nabo ibihano vyabo ngo birategekanijwe.

Mu kiganiro na ba buramatari hamwe n’inyamiramabi mu gipolisi kuri uyu wa mbere, ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwagabishije abafumbatishwa ibiturire mw’itangwa ry’igitoro ko bamaze kumenyekana bityo bazofatwa bakabihanirwa nibatabireka.

Umushikiranganji yamenyesheje ko mu ndwi imwe gusa hazoba inama isuzuma impinduka zabaye bibaye ngombwa hagire n’abasezererwa mu mabanga bashinzwe, mu ntumbero yo kugarukira abenegihugu.

Forum

XS
SM
MD
LG