Uko wahagera

Abimukira Batabawe ku Mbibe za Libiya


Abimukira batabawe mu bugarawa bwa ibiya
Abimukira batabawe mu bugarawa bwa ibiya

Abajejwe gucugera imbibe z'igihugu ca Libiya baratabaye abimukira batari bake baturuka muri Afrika yo musi y'ubugararwa bwa Sahara bavurwa ko batawe n'abategetsi ba Tuniziya mu karere karimwo ubugarawa kari hagati ya Tuniziya na Libiya. Batawe muri ako karere batagira amazi, ibifungurwa n'uburaro.

Abamenyeshamakuru b’itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Bufransa, AFP, barashoboye gufata amasanamu y’imirwi y’imikaganra itari mike n’abapfasoni vyibonekeza ko barushe cane kandi bafise inyota, bicaye canke badyamye mu musenyi. Bariko bagerageza kwikingira ubushuhe bwarenga dogere 40 ku gipimo ca Celsius. Inyuma y’ugutana mu mitwe kwabaye hagati y’abimukira n’ababa mu gisagara ca Sfax, muri Tuniziya kw’itariki ya 3 y’ukwezi kw’indwi, abimukira b’abanyafrika amajana n’amajana bajanywe n’imodoka hanze y’ico gisagara, kiza ubugira kabiri mu bunini mu gihugu.

Ku bw’amashirahamwe ategamiye reta, igipolisi co muri Tuniziya cajanye abo bimukira kibaterera mu bice ata bantu babamwo hafi y’urubibe na Libiya mu buseruko bw’igihugu na Aljeriya. Abimukira batabawe n’abajejwe gucungera imbibe z’igihugu ca Libya bariko bayerera mu gice ata muntu numwe abamwo hafi y’ahitwa Al’Assah hafi y’ibilometero 150 mu bumanuko bushira uburengero bw’umurwa mukuru, Tripoli.

Mohamad Abou Snenah, ari mu bajejwe kugenzura imbibe za Libiya, yatangaje ko ibitigiri vy’abimukira bitera vyiyongera uko umusi utashe. Yavuze ko batabaye abimukira hari hagati ya 50 na 70. Snenah atangaza ko babaha imiti n’izindi mfashanyo, kubera urugendo runini baba bagize mu bugararwa bwa Sahara. (AFRICANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG