Uko wahagera

Abitwaje Ibirwanisho Bishe Abantu 10 muri Kameruni


Ikarata ya Kameruni
Ikarata ya Kameruni

Abantu bitwaje ibirwanisho bishe abantu 10 bakomeretsa abandi 2 mu ntara irimwo umutekano muke mu buraruko bushira uburengero bwa Kameruni.

Uwabonye ivyabaye yatangaje ko abakoze igitero bashitse bari mu modoka mw’ijoro ryo ku musi w’Imana, bategeka abantu kuryama hasi, babagiriza ko batashigikiiye abashaka kwiyonkora ku gihugu bakorera muri iyo ntara. Baciye batangura kurasa mu gihe bamwe bakwirikije amategeko yabo, abandi nabo barayanga. Yatangaje ko barashe badatoranya, imbere y’uko bazimangana.

Umurwi ukomeye w’abashaka kwiyonkora kuri Kameruni, witwa, “Ambazonia Defense Forces, ADF, mu mpfunyapfunyo, ukorera mu ntara ivuga ururimi rw’icongereza iri mu buraruko bushira uburengero bw’igihugu, urwanya reta kuva mu mwaka w’i 2017. Ni mu ntumbero yo gukingira abo uvuga ko bakumuwe na reta igizwe ahanini n’abavuga ururimi rw’igifransa. Abarwanya ubutegetsi bo muri uwo murwi barahakana ko ari bo bakoze igitero co mw’ijoro ryo ku musi w’Imana.

Bulamatari w’intara yo mu buraruko bushira uburengero bw’igihugu, Adolphe Lele Lafrique, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Bwongereza, Reuters, ko igikorwa co guhiga abakoze ubwo bwicanyi kiriko kiraba n’amatohoza yatanguye.

Abantu barenga 6.000 barishwe mu ntara zivuga ururimi rw’icongereza muri Kameruni kuva intamara yadutse mu mwaka w’i 2017, inyuma y’uko imyiyerekano ikandamijwe hakoreshejwe ubwicanyi. (REUTERS)

Forum

XS
SM
MD
LG