Umushikiranganji wa mbere w'Ubuhindi, Narendra Modi, uno musi ku wa kane, yashitse i Paris, ku murwa mukuru w'Ubufransa mu rugendo rugenwe gukomeza imgenderanire n'ico gihugu.
Mu rugendo rw’imisi ibiri yatanguye, Modi azogirana ibiganiro ku bibazo bitari bike na Prezida w’Ubufransa, Emmanuel Macron. Azokwifatanya na Macron mu birori vyo guhimbaza umusi mukuru w’igihugu wa Bastille, nk’umushitsi w’icubahiro. Modi ariteguriye gukomeza ugufashanya hagati y’igihugu ciwe n’Ubufransa. Mu butumwa kuri Twitter, Modi yatangaje ko mu vyo ategekanya gukora kuri uyu wa kane harimwo kubonana n’Abahindi baba mu Bufransa mu masaha yo ku muhingamo. Yabitangaje gatoyi inyuma y’uko ashitse i Paris.
Umushikiranganji wa mbere w’Ubuhindi, Narendra Modi, yakiwe n’umushikiranganji wa mbere w’Ubufransa, Elisabeth Borne, igihe yashika ku
kibuga c’indege c’i Paris. Yakiranywe icubahiro gikomeye, mu gihe indirimbo z’ibihugu vyompi zavugijwe. Imbere yuko ava mu gihugu ciwe agana Ubufransa, Modi yerekanye ko yishimiye ko urugendo rwiwe ruzoha intumbero nshasha ugufashanya kwari kuhasanzwe hagati y’igihugu ciwe n’Ubufransa.
Bitegekanijwe ko kwagura imigenderanire mu vy’ukwivuna umwansi biri mu bizoshimikirwako mu biganiro hagati ya Modi na Macron. Modi yavuze ko yiteguriye kuganira na Prezida Macron ku bibazo bitari bike bifitiye inyungu ibihugu vyompi. (AFP)
Forum