Uko wahagera

Mu Burundi CVR Yatanguje Igikorwa co Kwerekana Abantu Barokoye Abandi muri 1972


Pierre Claver Ndayicariye
Pierre Claver Ndayicariye

Mu Burundi, umurwi w'igihugu ujejewe kumenya ukuri no kurekuriranira CVR watanguje igikorwa co kwerekana abantu barokoye abandi mu bwicanyi bwa 1972 bwahitanye Abahutu benshi kurusha Abatutsi. Uwo murwi umaze kumenya abarenga 11.000 banyegeje canke banka ko bagenzi babo badasangiye ubwoko bagandagurwa.

Umukuru w’umurwi CVR yashimye gutanguriza ico gikorwa ku murwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura. Pierre Claver Ndayicariye yasiguye ko iki gikorwa gitegekanywa n’ingingo ya 6 igenga umurwi wo kumenya ukuri no kunywanisha Abarundi.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:55 0:00

Ni ingingo ivuga ko Abarundi n’abanyamahanga bitanze mugukingira abari bageramiwe n’ubwicanyi babwirizwa kumenyekana kandi imyidondoro yabo igashirwa ahabona.

Bafatwa nk’inkingi z’ubuntu. Pierre Claver Ndayicariye avuga ko n’abarokowe bifuje ko ababagiriye ineza bamenyekana. Kubw’iwe ntaho bitaniye no gukiza canke gukingira igihugu. Inyuma y’ibiganiro kuri uyu wa gatatu, yabwiye abamenyeshamakuru ibitigiri vy’abamaze kumenyekana.

Bamwe mu barokotse mu bwicanyi bwa 1972 bwahitanye Abahutu benshi kurusha Abatutsi barimwo Maitre Fabien Segatwa, igicocoro akaba n’inararibonye mu mwuga w’ubushingwamanza mu Burundi no ku mugabane wa Afrika bari batumiwe.

Amagara afise uyu musi ayakesha Musenyeri Joachim Ruhuna yahoze atwara diyoseze nkuru ya Gitega hagati na hagati mu Burundi. Uyu muri 1996 yishwe n’inyeshamba hamwe na Musenyeri Evariste Ngoyagoye yahoze atwara diyoseze nkuru ya Bujumbura aherutse gukukuruka. Yabashingiye intahe ikomeye.

Uwundi yashingiwe intahe ni Padiri Charles Gahebe. Yarafunzwe kubera gukingira Abahutu. Padiri Phirmin Nahayo ari mubo yatabaye. Uwakijijwe mbere yemeza ko yagumye no mu mabanga yiwe y’ubuyobozi bw’amashure.

Gervais Nibigira, icegera c’umukuru w’ishirahamwe RCP riharanira agateka ka kiremwa muntu akaba no mubacitse kw’icumu mu bwicanyi bwa 1993 bwibasiye Abatutsi arashimishwa n’iyi ntambwe umurwi CVR uteye. Gusa asanga hakiri agahaze.

Ndayicariye aramutswa umurwi CVR yavuze ko amatohoza azokorwa yo kumenya inkingi z’ubuntu z’ukuri azitonderwa bitewe n’uko hari abantu bakijije abandi mu duce tumwe bageze ahandi bakiha inkumbi.

Umunyamategeko Segatwa nawe yibukije ko Musenyeri Ruhuna kugera umusi yicwa, ikigo ciwe cari ubuhungiro n’amakiriro ya bose. Urutonde rw’abitangiye abandi umurwi CVR nturarusohora kugira ruje ahabona buri wese arubone. Ruracerekeye kandi gusa urwimo rwa 1972.

Ijwi ry’Amerika niryamara kumenya bamwe bamwe mubakiriho rizobaganiriza. Kugera ubu, ntaco igihugu giteganya nk’agashimwe kubantu barokoye abandi mu ntambara zagiye zikurikiranya mu Burundi.

No ku musi mukuru w’ukwikukira aho hatangwa ubushimwe kubantu batandukanye harimwo abanyamahanga baba bafashwe nk’abakoze ibikorwa vy’ubutwari mu bisata bitandukanye ntibaba barimwo. N’itegeko rya CVR ntaco rivuga kubijanye n’ingororano.

Mu mpera za 2021, umurwi CVR wasavye inama nshingamateka na nkenguzamateka kwemeza ko ubwicanyi bwa 1972 ari “ihonyabwoko ryakorewe Abahutu mu Burundi”. Mu nyuma, Prezida Evariste Ndayishimiye yatangaje ko hataragera ko ubwo bwicanyi bwahitanye Abahutu benshi kurusha Abatutsi bwitwa “ihonyabwoko” asigura ko ingaruka mbi mu gihugu hakiri ibikomere vya kahise zishobora kuba nyinshi.

Forum

XS
SM
MD
LG