Uko wahagera

Abarenga Imiliyoni 3 n'Ibihumbi 100 Bamaze Guta Izabo muri Sudani


Abanyasudani bahungiye muri Cadi
Abanyasudani bahungiye muri Cadi

Ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, itangaza ko ingwano ibandanya kubica bigacika muri Sudani imaze gukura mu ngo zabo abantu bagera ku miliyoni 3 n'ibihumbi 100, harimwo abarenga 700.000 bahungiye mu bihugu bibanyi.

Abantu barenga imiliyoni 2 n’ibihumbi 400 barahungiye mu bibanza bitekanye kurushiriza hagati mu gihugu, nk’uko bitangazwa n’ishirahamwe mpuzamakungu rikwirikirana abimukira.

Abandi bagera ku 738.000 bahungiye mu bihugu bibanyi. Igihugu ca Misiri ni co cakiye igitigiri kinini cane c’abo bantu bahunze. Ni ukuvuga abarenga 255.500. Gikwirikirwa n’igihugu ca Cadi n’abarenga 238.000, hagakwirikira Sudani yo mu bumanuko n’abagera ku 160.800. Abarenga 62.000 bahungiye muri Etiyopiya, abarenga 16.700 muri Santrafrika mu gihe abagera ku 3.000 bahungiye muri Libiya.

Abarenga ibice 72 kw’ijana vy’abavuye mu vyabo baturuka ku murwa mukuru, Khartoum mu gihe abagera ku bice 9 kw’ijana baava mu ntara ya Darfur yo mu burengero.

Umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu, Haithman Mohammed Ibrahim, mu kwezi guheze yatangaje ko ingwano hagati y’igisirikare ca reta n’inteko ziyonkoye kuri reta yahitanye abantu barenga 3.000, ikomeretsa abandi barenga 6.000. Yamara abaganga n’abaharanira agateka ka muntu bavuga ko igitigiri nyakuri c’abapfuye gishobora kuba kiri hejuru kurushiriza.

Ingwano muri Sudani yarageramiye icizere cari kihari co kugarukana ikiringo mfatakibanza cari gushikana igihugu kuri demokrasi. (AP)

Forum

XS
SM
MD
LG