Ivyo birori vyabaye ku musi wa gatandatu w’indwi turangije vyadukamwo uruhagarara, abantu batari bake barafatwa n’igipolisi.
Igipolisi kimenyesha ko habaye uguterana amacupa n’amabombe y’imyotsi, igihe umugwi w’abanyeritreya bavuga ko bagwanya intwaro z’akarenganyo yo muri Eritreya wagerageza kwinjira muri ivyo birori ku nguvu.
Abapolisi bashika igihumbi, ibiduga bitera amazi yo kwomora abantu hamwe na za kajugujugu, ni vyo vyarungitswe mu kugerageza kugarura umutekano muri ico gisagara kiri ku birometero 50 mu buraruko bwa Frankfurt. Umuvugizi w’igipolisi Christopher Pfaff yasavye ashimtse abanyagihugu kwirinda kuja muri Giessen mu gihe ibikorwa vy’igipolisi bikibandanya.
Abategetsi b’Ubudagi bari baragerageje kwima uburenganzira abo banyeritreya gukora ivyo birori mu mwaka uheze inyuma yaho uruhagarara nk’urwo rubaye. Yamara sentare yaciye isubiza inyuma iyo ngingo.
Ivyo birori vyateguwe n’umugwi uvugwa ko wegereye ubutegetsi bwa prezida wa Eritreya Isaias Afwerki.
Urwo ruhagarara rubaye mu gihe abantu ibihumbi n’ibihumbi bahuze ico gihugu bavuga ko batotejwe n’ubutegetsi bwa reta ya Afwerki.
Forum