Uko wahagera

Threads ni Umuhora Mushasha wa Sosiyete Meta


This photo illustration created in Washington, DC, on July 6, 2023, shows the opening page of Threads, an Instagram app, near the Meta logo.
This photo illustration created in Washington, DC, on July 6, 2023, shows the opening page of Threads, an Instagram app, near the Meta logo.

Isosiyete ya internet Meta yaratanguje icese, ku musi wa gatatu, umuhora wo guhanahana ubutumwa witwa Threads, uzohiganwa n’urubuga Twitter. Yamara itanguzwa ry’uwo muhora ku mugabane w’Uburaya, ryatebeshejwe kubera impungenge ku makuru y’ibanga yerekeye abanyagihugu.

Threads, ni umuhora uzohiganwa bikomeye na Twitter y’umugwizatunga Elon Musk, yahuye n’abandi bahinganwa batari bake, bubutse. Uwo muhora mushasha watangujwe, uzokwubakira k’uwari uhasanzwe wa Instagram, ufise abantu barenga imiliyaridi 2, bari basanzwe bawukoresha. Ivyo bizotuma umuhora Threads udatangurira mw’ihumbi. Mark Zuckerberg, asanzwe ayobora Meta na Facebook, yaratangaje ko abantu imiliyoni 30 bari bamaze kwinjira mu banywanyi b’uyo muhora ejo ku musi wa gatatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG