Uko wahagera

Burundi: Abakuwe mu Zabo n'Imvura y'Isegenya mu Cibitoke Ntibarubakirwa


Imiryango 250 yabomerewe amazu n'imyuzura y'imvura mu 2019, n'ubu iracasaba kubakirwa amazu ashemeye. Ni ingo ziri muri zone Nyamakarabo muri komine Mugina, intara ya Cibitoke mu buraruko bushira uburengero bw'Uburundi. Abajejwe intwaro bavuga ko ico kibazo bakizi.

Imyuzura yahitanye ayo mazu uwo mwaka yarahitanye ubuzima bw’ abantu 28 nk'uko Reta yabitangaje.

Manase Ndihokubwayo ari mu bakuru b’imiryango 250 amazu yabo yasituwe n’imyuzura yo mu 2019 muri komine Mugina, intara ya Cibitoke mu buraruko bushira uburengero bw’Uburundi. Yaciye yimurirwa muri site yitwa Gisheke. Yubatswe muri zone Nyamakarabo iri muri iyo komine nyene, mu 2020.

Ndihokubwayo yabwiye Ijwi ry’Amerika ko we na bagenzi be, ata gahengwe n’ubu bararonka.

Thomas Nyabenda yaganiriye n’Ijwi ry’Amerika ari imbere y’inzu yiwe isa n’umusaka. Yemeza ko mu misi iheze yasidutse ihakwa kumuhekura.

Bujeniya Ndimubandi we ati: ingoma yagukanze irahuhuma ugahunga. Iyo yibutse abantu yabonye bahitanwa n’imyuzure mu ntango z’ukwa 12 muri 2019, akibuka ko hazoza ibihe vy’agatasi, agahinda karamwica, agatekerwa n’ubwoba.

Na Rozata Ndayavugwa yarokotse inzu yiwe imaze kubomokerwako n’umusozi afise ivyo bibazo n’umwitwarariko nyene.

Silas Ndikuriyo, umukuru wa zone ya Gisheke avuga ko amazu yitwa ko yasanuwe, ata mwaka yamaze atarongera gusiduka.

Yemeza ko hakunda kuba amasanganya cane cane y’abana basidukirwako n’inzu abavyeyi baroye kwikenura kure y’imihana, agasaba Reta kugarukira kuri iyo miryango.

Jean Bosco Ndayikengurukiye ajejwe inyubako muri komine Mugina, amenyesha ko ikibazo c’abahuye n’imyuzura yo mu 2019, n’ubu bakaba batararonka uburaro bushemeye, kizwi. Aremesha ko hari amashirahamwe ariko araraba uko yobagarukirako.

Mw’ijoro ry’itariki ya kane rishira uwa gatanu ukwa 12 mu 2019, imyuzure y’imvura yononye ibintu vyinshi yongera ihitana abantu 28, nk’uko Reta yavyemeje. Imiryango igera ku gihumbi yarimuwe. Yamara bamwe mu banyagihugu bavuga ko ibitigiri vy’abahitanywe n’iyo myuzure vyoba birenga ivyatangajwe kubera hari abandi bantu batigeze basubira gutorwa gushika ubu.

please wait

No media source currently available

0:00 0:05:02 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG