Ageza ijambo ku nteko nshingamategeko, umushikiranganji wa mbere, Kassim Majaliwa, yasiguye ko iyo ngingo, yari yafashwe mu ntango yo mu myaka ya za mirongo icenda. Ni ingingo yari yafashwe mu ntumbero yo kugabanya impanuka zo mu mabarabara hamwe n’inyuruzwa ry’amabisi, vyari vyiyongeye ico gihe.
Gufuta iyo ngingo bibaye inyuma y’uko abakora mu gisata co gutwara abantu n’ibintu bagishijwe inama, n’inyuma y’uko habaye akarusho ku bijanye n’inyubako nk’amabarabara hamwe n’ingingo zo gukoemza umutekano.
Umushikiranganji wa mbere, Kassim Majaliwa, yatangaje ko Reta ya Tanzaniya iriko ikora ibishoboka kugira yubahirize umutekano w’abanyagihugu bakora ingendo bakoresheje amabisi.
Vyitezwe ko gufuta iyo ngingo yari imaze igihe bizogira ingaruka ziboneka mu gisata kijejwe gutwara abantu n’ibintu. Bishobora kuzogira akamaro mw’iterambere ry’ubutunzi hamwe no kwongereza uruja n’uruza rw’abanyagihugu bagira ingendo. Ishirahamwe ry’abafise amabisi ryarerekanye ko rishigikiye ryivuye inyuma ingingo reta yafashe. (AFRICANEWS)
Facebook Forum