Uko wahagera

Afrika Y'Epfo Ivuga ko Atakizoyibuza Kwakira Inama ya BRICS


Inama y'ibihugu vya BRICS yakoraniye mu Bushinwa mu mwaka wa 2022
Inama y'ibihugu vya BRICS yakoraniye mu Bushinwa mu mwaka wa 2022

Afrika y'epfo, uno musi ku wa kane, yatangaje ko izokwakira inama y'ishirahamwe BRICS, mu kwezi kw'umunani nk'uko bitegekanijwe, naho hari umutahe wo guhagarika Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin

Ayo makuru atangajwe mu gihe hari urukurukuru ko iyo nama ishobora kwimurirwa mu Bushinwa kugira Prezida Putin ashobore kuyitaba mu gihugu kidategerezwa kumuhagarika ku vyaha vyo mu ngwano yagirizwa.

Afrika y’epfo itegerezwa guhagarika Putin hamwe yokwitaba ibiganiro n’abategetsi ba Brezil, Uburusiya, Ubuhindi n’Ubushinwa, kubera cateye igikumu ku masezerano ashiraho sentare mpuzamakungu mpanavyaha. Afrika y’epfo, cotegerezwa kumuhagarika hisunzwe umutahe watangajwe, kubera yagirizwa ko yanyuruje abana bo muri Ukraine, akabatwara mu gihugu ciwe c’Uburusiya.

Yamara Prezida Putin arahakana ivyo vyaha yagirizwa. Afrika y’epfo izokwakira inama igira ya 15 y’ishirahamwe BRICS, mu kibanza gikorerwamwo inama ca Sandton Convention Center, mu gisagara ca Johannesburg. Iteganijwe kw’italiki 22 gushika ku ya 24 y’ukwezi kw’umunani muri uyu mwaka wa 2023.

Prezida w’Ubushinwa, Xi Jinping, umushikiranganji wa mbere w’Ubuhindi, Nerndra Modi, na Prezida wa Brezil, Lula Inacio da Silva, bose bafise imigambi yo kwitaba iyo nama igira iya 15 ya BRICS, nk’uko bitangazwa n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Afrika y’epfo, Naledi Pandor.

Uburusiya bumaze igihe kirekire bufitaniye imigenderanire ikomeye cane n’umugambwe, ANC, uri ku butegetsi muri Afrika y’epfo, kuva igihe wari umuhari warwanya intwaro karyanishamiryango muri ico gihugu hareheze imyaka itari mike. Reuters

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG