Uko wahagera

Abategetsi b'Amerika n'Ubushinwa Barashima Ibiganiro Bakoranye


Antony Blinken na prezida w'Ubushinwa
Antony Blinken na prezida w'Ubushinwa

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Amerika n’ayandi makungu, Antony Blinken, yatangaje ko Amerika n’Ubushinwa bibwirizwa gutorera umuti w'ibibatandukanya mu kwubahana. Antony Blinken yabivugiye mu rugendo ariko akorera i Beijing mu Bushinwa.

Mu kiganiro Antony Blinken yagiranye n’abamenyeshamakuru i Beijing mu Bushinwa, yavuze ko yagiranye ibiganiro nkoramutima na Prezida w’Ubushinwa Xi Jinping hamwe na Wang Yi ajejwe imigenderanire y’Ubushinwa n’amakungu. Bkinke yavuze ko ari ibiganiro vyabaye ata guhishana.

Prezida w'Ubushinwa Xi Jinping nawe nyene yashimye ibiganiro yagiranye na Blinken.
Blinken yavuze ko yashikirije Ubushinwa impungenge y’ico Amerika yita “Agasomborotso Ubushinwa bukorera Tayiwane mu bisata bitandukanye.” Blinken aha akibutsa ko Amerika idashigikiye ukwigenga kwa Tayiwane, ariko ico yipfuza ari ugutorera umuti ibibazo biri hagati ya Tayiwane n’Ubushinwa biciye mu mwumvikano n’amahoro.

Umushikiranganji Antony Blinken yashikirije kandi abategetsi b’Ubushinwa impungenge z’Amerika “Kw’ihonyanyangwa ry’agateka ka zina muntu” ku banyagihugu bo mu ntara yigenga yitwa Xinjiang iri mu buraruko bushira uburengero bw’Ubushinwa ahagwiriye ubwoko bw’inkehwa z’abanyagihugu, muri Tibet na Hong Kong. Yagarutse no ku banyagihugu b’Abanyamerika, Amerika yemeza ko Ubushinwa bupfungiye ubusa.”

Blinken ikindi yavuze ni uko Amerika yiteguriye gukorana n’ubushinwa imigambi ifitiye akamaro impande zose irimwo iyo gukingira ibidukikije, iy’ubutunzi, iy’amagara meza, n’imfungurwa kuri bose.

Antony Blinken yashitse mu Bushinwa kuri uno wa Mungu. Ni we mutegetsi wo ku rwego rwo hejuru muri Amerika agendeye Ubushinwa kuva mu 2018.

Urugendo Antony Blinken akoreye mu Bushinwa yari kurugira mu kwezi kwa kabiri, ariko arusivya inyuma y’ibipira Ubushinwa bwarungitse mu kirere c’Amerika “gusuma urusaku”.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG