Uko wahagera

Abimukira Bababa 60 Bahitanywe n'Ubwato Bwibiye mu Bugiriki


Abimukira bababa 60 baguye mu bwato bwibiye mu bumanuko bw'Ubugiriki. Abarenga 20 ntawuramenya irengero ryabo.

Abategetsi bo mu Bugiriki batangaje ano makuru, bavuga ko ubwato bwibiye ari ubwo kuroba. Bavuze ko abo bashoboye kurokora ari 104. Bane mu barokowe bari mu bitaro, aho bariko bavurwa ubukanye bwinshi bari bafise.

Igitigiri c’abari muri ubwo bwato, ntikiramenyekana. Abategetsi mu Bugiriki bavuga ko ibikorwa vyo kurondera abandi bashobora kuba bari muri ubwo bwato, bibandanya. Ni ibikorwa biriko biba hifashishijwe abajejwe gutabara ku nkengera z’amazi batandatu, ubwato bwo gutabara, hamwe n’indege za gisirikare zirimwo izitagira abadereva zegukira ubumwe bwa Buraya.

Ubwato bwibiye bwariko buja mu Butariyano. Amakuru ataremezwa avuga ko bwoba bwari bwahagurutse buva muri Libiya.

Libiya imaze iminsi ihanganye n’abimukira baca ku ruhande rwayo bagerageza gushika ku mugabane wa Buraya. Abaharanira agateka ka zina muntu bavuga ko abimukira baharurwa mu bihumbi bava muri Misiri, Siriya, Sudani na Pakistani ari bo bari mu busho bwa Libiya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG