Uko wahagera

Impunzi Ikomoka muri Siriya Yacumise Imbugita Abantu 5 mu Bufaransa


Ahabereye igitero c'imbugita mu Bufaransa
Ahabereye igitero c'imbugita mu Bufaransa

Igipolisi co mu Bufaransa gitangaza ko abantu batanu barimwo abana bane n’umuntu umwe bakomerekejwe n’imbugita basogoswe n’umuntu yabasanze muri Parike iri mu gisagara ca Annecy giherereye mu bumanuko bushira ubuseruko bw’Ubufaransa.

Ababibonye babwiye tereviziyo BFM yo mu Bufaransa ko uwakoze iryo bara yagiye ku ruhande abana bariko barakiniramwo, aca atangura kubasogota imbugita. Uwo yakoze ubwo bubisha hari umwana yasogose incuro nyinshi nkuko ababibonye babivuga.

Umwe mu bafise inzu y’uburiro yegereye ahabereye iryo bara yavuze ko bamwe mu bari muri iyo parike bacanako biruka barira bahunga. Mw’itangazo prezida w’Ubufaransa, Emmanuel Macron, yashize ku rubuga rwiwe rwa Twitter, yavuze ko batatu muri batanu bacumiswe imbugita baremvye cane, bari hagati y’ubuzima n’urupfu. Muri batatu baremvye, babiri ni abana.

Prezida w’Ubufaransa Emmnuel Macrton yagize ati: “ Twaguye mu gahundwe. Ni ubukozi bw’ikibi butagira izina.” Umuvugizi w’inama nshingamateka y’Ubufaransa, Yael Braun-Pivet, nawe yavuze ko ata kibi kibishe nko kugaba igitero ku bana.

Igipolisi co mu Bufaransa nticatanze imyidondoro y’uwakoze ico gitero. Cavuze muri make ko cagabwe n’ impunzi ikomoka muri Siriya, kandi iba mu Bufaransa vyemewe n’amategeko. Nta dosiye n’imwe yari afise muri polisi, eka n’icamutumye gukora iryo bara ntikiramenyekana nkuko polisi y’Ubufaransa ibandanya kubivuga. Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati bwemeje ko yatawe muri yompi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG