Uko wahagera

Ligue Iteka: Abarundi Barenga 1800 Barishwe Kuva mu Mwaka wa 2020


Ishirahamwe Ligue Iteka riharanira agateka ka zina muntu rivuga ko kuva mu mwaka wa 2020 hishwe abantu hafi 1.800 mu Burundi. Mu cegeranyo caryo ryemeza kandi ko abagera kuri 330 bahohotewe bongera baranyuruzwa. Ariko Reta irabihakana co kimwe n'amashirahamwe akorera hagati mu gihugu.

Ico cegeranyo c’ishirahamwe Ligue Iteka rikorera hanze y’Uburundi gitanga ivyo bitigiri bishingiye mu bihe bibiri. Ica mbere ni amezi 62 nyakwigendera Pierre Nkurunziza yatwaye mu kiringo ciwe ca nyuma cateye impari agasezera isi atakirangije. Ica kabiri ni amezi 34 Prezida Evariste Ndayishimiye amaze gutwara kuva aroye mu mabanga gihutihuti muri 2020 mukwa gatandatu bitewe n’urupfu rw’uwo yasubiriye.

Ijwi ry’Amerika rimaze kubona iyo raporo ryahamagaye Anschaire Nikoyagize, umukuru wa Ligue Iteka. Yatubwiye ko urugero rw’ibitigiri vy’abantu bicwa, abanyuruzwa, abafungirwa ubusa, n’ababorezwa igufa ruteye impungenge rwose. Nikoyagize yemeza ko n’abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi amabi atakibagera umutwe.

Ariko amashirahamwe yo hagati mu gihugu yagiriza Ligue Iteka kugagamisha ibitigiri.

Mu cegeranyo caryo, Ligue Iteka rivuga ko abantu 331 bahohotewe bongera baranyuruzwa. Ivy’abanyuruzwa rirabihurizako n’umushikiranganji w’uburundi ajejwe umutekano Martin Niteretse. Ejo kuwa mbere yarafashe ingingo yo kubuza igendeshwa ry’imiduga idafise ibiyo bibonerana kugira arwanye inyuruzwa ry’abantu.

Umuvugizi wa Reta Prosper Ntahorwamiye muri make yatubwiye ko iyo raporo atayo arabona maze yirinda kugira vyinshi yongerako.

Muri raporo yayo y’umwaka uheze, ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire n’ayandi makungu bwavuze ko mu Burundi hakibandanya ubwicanyi. Ubwo bushikiranganji buvuga ko bukorerwa abanyagihugu cane cane abatavuga rumwe n’ubutegetsi, abikekwa gukorana n’imihari yitwaje ibirwanisho irwanya ubutegetsi bw’Uburundi. Hari kandi abahohoterwa, abahamwa, abafungirwa ubusa, ababorezwa igufa hamwe n’abata bakomoka kubera ayo mabi.

Iyo raporo yanavuze ko ibiziga vy’abantu vyagiye biratorwa mu Burundi hagati y’imyaka ya 2020 na 2021 vyafubwe ata matohoza akozwe kugira hamenyekane umwidondoro wabo n’icabahitanye.

Ibitangazwa na Ligue Iteka biratandukanye cane n’uko ishirahamwe mpuzamakaungu ONU ribona Uburundi muri kino gihe. Mu ntango za kuno kwezi kwa gatanu, Antonio Guterres, umunyamabanga mukuru wa ONU yatangaje ko Reta ya Prezida Ndayishimiye yakoze utwigoro twinshi kugira igihugu gisubirane icizere. Yaciye asaba abafasha Uburundi guhunda imfashanyo ico gihugu. Yabitangaje igihe yitabira inama ivuga ku kibazo c’umutekano muke wo mu buseruko bwa Repubulika ya Demukarasi ya Kongo yabereye i Bujumbura.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG