Uko wahagera

Amashirahamwe y'Abagiraneza Asaba ko Amafaranga Yemerewe Akarere k'Ihembe rya Afrika Atangwa


Amashirahamwe ajejwe gutabara ariko asaba ko amafranga yose uko ari imiliyaridi indwi y'amadolari agenewe akarere ko mw'ihembe rya Afrika yasabwe n'ishirahamwe ONU, atangwa mw'ikoraniro ritegekanijwe muri iyi ndwi.

Ayo mashirahamwe yasiguye iyo mfashanyo bifatiye ku banyagihugu bo mu karere ko mw’ihembe rya Afrika bakeneye kugarukirwa vyihurirwa kubera batera basinzikara kurushiriza.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryatangaje ko ako karere gahanganye n’inkurikizi z’uruzuba zitari bwibonekeze mu kiringo c’imyaka 40. ONU imenyesha ko abantu barenga imiliyoni 43 n’ibihumbi 300 bakeneye gufashwa muri Somaliya, Etiyopiya na Kenya, kuko abarenga igice muri bo bataronka ibifungurwa bihagije.

Ishirahamwe rijejwe gutabara, “International Rescue Committee” ryatangaje ko gushika ubu akamo katewe karonse ibiri musi y’ica kane c’imfashanyo bakeneye. Umuyobozi nshingwabikorwa w’ishirahamwe, “International Rescue Committee”, David Miliband, yatangaje ko utwigoro tw’ukurwanya ikibazo c’ibifungurwa dukwiriye kwongerezwa vyihutirwa n’amareta, ibigega mpuzamakungu vy’amafranga n’abaharanira ibidukikije.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU, kuri uyu wa gatatu w’iyi ndwi, rizotumako ikoraniro rikomeye rijejwe gutororokanya imfashanyo y’amafranga, ku cicaro caryo in New York. Ibihugu bigize iryo shirahamwe n’impande bikorana bizosabwa kwemera gutanga imfashanyo y’amafranga agenewe akarere ko mw’ihembe rya Afrika. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG