Uko wahagera

Prezida wa Siriya Bashar al-Assad Yagarutse ku Rubuga rwa Politike y'Abarabu


Prezida wa Siriya Bashar al-Assad yakirwa n'Umutegetsi mukuru w’Arabiya Sawudite, Umuganwa Mohammed bin Salman,
Prezida wa Siriya Bashar al-Assad yakirwa n'Umutegetsi mukuru w’Arabiya Sawudite, Umuganwa Mohammed bin Salman,

Prezida wa Siriya, Bashar al-Assad, yagarutse ku rubuga rwa politike y'ibihugu vy'Abarabu. Hari haheze imyaka 12 Siriya ikumirwa mu nama z'ibihugu vy'Abarabu.

Umutegetsi mukuru w’Arabiya Sawudite, Umuganwa Mohammed bin Salman, yakiye Prezida wa Siriya, Bashar al-Assad, mu nama y'ishirahamwe ry'ibihugu vy'Abarabu, iriko ibera mu gisagara ca Jeddah, muri Arabiya Sawudite, mu buryo bwihariye. Yagize ati: “Turahimbawe no kwakira Prezida Bachar al-Assad. Turizeye kugaruka kwiwe kuzoherekezwa n’amahoro aramara muri Siriya.”

Umushikiranganji wa mbere w’Alijeriya, Ayman Benabderrahmane, yuhiriye mu rya bin Salman ati: “ Twakire n’amashi menshi ukugaruka kwa Siriya mu bavukanyi bayo.” .

Ishirahmwe ry’ibihugu vy’abarabu ryakumiriye Siriya muri uwo muryango mu mpera zo mu 2011, intambara ikaze muri ico gihugu. Iryo shirahamwe ryagarukanye Siriya mu banyamuryango bayo mu kwezi kwa gatanu ko mu mwaka uheze wa 2022.

Siriya yiteze gusubira kwiyubaka biciye mu migenderanire iriko iranaguka hagati yayo n’ibihugu vy’abarabu. Naho biri uko, hari bimwe mu bihugu nka Katari bigihigimanga mu kunagura burundu imigenderanire na Siriya: Mu kwezi guheze, Katari yavuze ko ititeguye kunagura imigenderanire na Siriya, ariko yumvikanisha ko ibi bitoba intambamyi y’uko ico gihugu kigaruka mw’ishiramawe ry’ibihugu vy’abarabu. Abategetsi ba Siriya na Katari bakoranye mu ntoke baramukanya muri iyo nama bahuriyemwo.

Inama igira 32 y'ishirahamwe ry'ibihugu vy'Abarabu yagarutse no ku bindi bibazo mpuzamakungu birimwo intambara ya Ukraine n’Uburusiya. Prezida Volodymyr Zelensky yabwiye abategetsi b’iryo shirahamwe ko bibabaje kubona bimwe mu bihugu vy’abarabu bitanezw intambara igihugu ciwe kirimwo n’Uburusiya. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG