Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire muri Afrika y'epfo, uno musi ku wa gatanu, bwatumyeko ambasaderi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, mu nama ku vyagirizo yashize ahabona, ejo ku musi wa kane, ko Afrika y'epfo yagurishije ibirwanisho ku Burusiya mu ngwano ico gihugu kirimwo muri Ukraine.
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Afrika y’epfo, Naledi Pandor, azovugana kandi n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Antony Blinken. Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, Ambasaderi w’Amerika, Reuben Brigety, yatangaje, ku musi wa kane, ko Afrika y’epfo yapakiye ibirwanisho mu bwato bw’Uburusiya mu kibanza c’igisirikare kirwanira mu mazi kiri hafi y’igisagara ca Cape Town mu kwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka urangiye w’i 2022. Ambasaderi Brigety yamenyesheje ko mu nyuma ivyo birwanisho vyajanywe mu Burusiya.
Uwo mudiplomate w’Amerika yavuze ko bemera neza ko ivyo birwanisho vyapakiwe mu bwato bw’Uburusiya. Yavuze ko kuba Afrika y’epfo yahaye
ibirwanisho Uburusiya ari ibintu biodakwiye kwihanganirwa. Inyuma y’ivyatangajwe n’ambasaderi w’Amerika, Prezida wa Afrika y’epfo, Cyril Ramaphosa, yaremeje ko itohoza ririko riraba ku bijanye n’urugendo ubwato butwara imizigo bw’Uburusiya bwagize muri Afrika y’epfo mu kwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka urangiye w’i 2022. Iryo tohoza ryari ryatanguye imbere y’uko Brigety ashira ahabona ivyagirizo vyiwe. Ramaphosa yatangaje ko bazokoresha ivyemezo ivyo ari vyo vyose abategetsi bajejwe iperereza ba Amerika bazotanga ku bijanye n’ivyagirizo ku bigwanisho vyoba vyahawe Uburusiya.
Yamara ibiro vyiwe vyatangaje ko ata vyemezo muri iki gihe bihari vy’uko ivyo birwanisho vyapakiwe mu bwato bw’Uburisiya muri Afrika y’epfo. Itororokanirizo ry’amakuru ryo muri Amerika, Associated Press, ryarasuzumye mu buryro bwigenga risanga ubwato butwara imizigo bw’Uburusiya, Lady R, bwaragendeye ikibanza c’igisirikare kirwanira mu mazi ca Afrika y’epfo kuva kw’itariki 6 gushika ku ya 8 z’ukwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka urangiye w’i 2022, nk’uko Brigety yabitangaje. (AP)
Facebook Forum