Uko wahagera

Abantu 8 Barishwe Barashwe muri Serebiya


Serbia Shootings
Serbia Shootings

Igipolisi ca Serebiya cataye muri yompi umuntu yikekwa ko ari we yakoze igitero caraye gihitanye abagera ku 8.

Igitero c’ejo ku wa kane cakozwe ku bigwati bitatu biri mu micungararo y’umurwa mukuru wa Serebiya, Belgrade. Ico gitero cakomerekeje abantu 14.

Ico gitero cabaye inyuma y’ikindi cakozwe ku wa gatatu n’umwana w’umuhungu w’imyaka 13, yinjiranye inkoho ya se kw’ishure yigako, yica abantu 9 barimwo abanyeshure 8 n’uwujejwe gukingira umutekano w’iryo shure. Igitero co ku munsi wa gatatu cakomerekeyemwo 7 barimwo umwigisha w’uwagikoze.

Igipolosi ca Serebiya ntaco cavuze ku myaka y’uwakoze ico gitero.

Umuhungu yakoze ico gitero ari mu kigo kiriko kimwitaho. Abategetsi bo muri Serebiya bavuze ko atarakwiza imyaka yo gupfungwa. Yamara se amuvyara ari mu mvuto.

Hari haheze imyaka 10 ata bwicanyi kivunga bukorwa n’abitwaje inkoho muri Serebiya. Rimwe mu mategeko reta y’ico gihugu yafashe, ni uguhagarika gutanga impusha nshasha zo gutunga inkoho mu kiringo c’imyaka 2.

Reta ya Serbiya yashinze ikigandaro c’imisi itatu gitangura uno munsi ku wa gatanu (AP).

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG