Uko wahagera

Etiyopiya: Abakekwa Kwica Umukuru w'Umugambwe Uri ku Butegetsi Bahagaritswe


Ikarata yerekana intara ya Amhara ya Etiyopiya
Ikarata yerekana intara ya Amhara ya Etiyopiya

Inteko zijejwe umutekano muri Etiyopiya, ku musi w'Imana urangiye, zatangaje ko zahagaritse abantu 47 bikekwa ku bijanye n'igandagurwa ry'umuyobozi w'umugambwe uri ku butegetsi. Ni umugambwe w'umushikiranganji wa mbere, Abiy Ahmed. Bamwagiriza ko ariko ategura gutembagaza ubutegetsi.

Girma Yeshitila, ayoboye umugambwe mu ntara ya Amhara, yishwe hamwe n’abandi bane mu gitero cabaye ku musi wa kane w’indwi irangiye. Abo bantu 47 bahagaritswe bikekwa ko ari abakora iterabwoba. Bafatanywe ibirwanisho, amabombe n’ibikoresho vyo guhanahana amakuru, nk’uko bitangazwa n’inteko zijejwe umutekano.

Abo bantu bikekwa barakoranye mu gihugu no mu bihugu vyo mu mahanga mu mugambi wo kwigarurira reta yo mu ntara ya Amhara, mu ntumbero yo gutembagaza reta ku rwego rw’igihugu. Bashaka gushika kuri uwo mugambi mu kugandagura abategetsi bakomeye bo mu bwoko bw’aba Amhara.

Itangazo ry’inteko zijejwe umutekano ryamenyesheje ko igandagurwa rya Girma ryakozwe n’abo bantu rivuga ko ari intagondwa. Girma, umunywanyi w’umurwi nshingwabikorwa w’umugambwe uri ku butegetsi muri Etiyopiya, “Prosperity Party”, yaratotejwe n’intagondwa z’abo mu bwoko bw’aba Amhara ku mbuga ngurukanabumenyi. Bavuze ko ari umuhemu kubera yegereye cane umushikiranganji wa mbere, Abiy Ahmed.

Amakuru ya reta yo mu ntara ya Amhara, yatangaje ko abantu bitwaje ibirwanisho bateye imodoka zari zitwaye Girma, abajejwe kumukingira na bamwe mu muryango wiwe ku musi wa kane w’indwi irangiye. Yariko atera agana igisagara ca Debre Birhan kiri hafi y’ibirometero 100 mu buraruko bushira ubuseruko bw’umurwa mukuru wa Etiyopiya, Addis Abeda. (AFRICA NEWS)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG