Uko wahagera

Intanbara y'Impande Zirwanira Ubutegetsi muri Sudani Irabandanya


Imwe mu modoka yayarashwe na bamwe mu barwana
Imwe mu modoka yayarashwe na bamwe mu barwana

Ibitero vy’indege z'ingwano, ibisasu vy'ibimodoka vya burende n'ivya za muzinga vyasanye, uno musi ku wa gatanu, ku murwa mukuru wa Sudani, Khartoum. Ibitero bikomeye vy'amabombe vyabaye kandi mu gisagara ca Bahri, cegeranye n'umurwa mukuru.

Ivyo bitero vyabaye naho igisirikare ca reta n’inteko ziyonkoye kuri reta vyari vyumvikanye ku ngingo yo kwongereza agahengwe mu kiringo c’amasaha 72.

Abantu amajana n’amajana baramaze kwicwa, abandi ibihumbi n’ibihumbi barahunga kuva aho ingwano ihagaze ku kugwanira ubutegetsi hagati y’igisirikare ca reta n’inteko ziyonkoye kuri reta yadutse kw’itariki 15 y’uku kwezi kwa kane.

Iyo ngwano irageramiye ikiringo mfatakibanza gishigikiwe n’amakungu cari gitegekanijwe gushikana Sudani kuri demokrasi.

Ibitero vy’igisirikare ca Sudani ku nteko ziyonkoye kuri reta vyakoresheje indege z’ingwano n’indege zitagira abedereva bita vyakwiragiye mu bice bitandukanye

vy’umurwa mukuru, Khartoum. Abahaba ntibacaruka kandi bafise ibibazo vyo kuronka ibifungurwa, ibitoro, amazi n’umuyagankuba.

Mw’itangazo, inteko ziyonkoye kuri reta zagirije igisirikare ca reta ko carenze ku gahengwe kahagarirkiwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika na Arabiya Sawudite. Zivuga ko bakoze ibitero vy’indege z’ingwano mu bibanza vyazo mu gisagara ca Omdurman gifatanye n’umurwa mukuru, Khartoum.

Ingwano muri Sudani yaratandukiye n’intara ya Darfur. Umuvugizi w’ibiro vy’ishirahamwe ONU bijejwe gutabara, Ravina Shamdasani, yatangaje ko abantu batari musi ya 96 bishwe muri Darfur kuva ku musi wa mbere. Ubwi bwicanyi buri hagati y’amoko atandukanye bwavyuwe n’intambara hagati y’igisirikare ca reta n’inteko zayiyonkoyeko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG