Igisirikare c’Ubudagi cavuze ko indege zahagaritswe ari zitatu. Zompi uko ari 3 zahagarikiwe mu kirere mpuzamakungu c’amazi y’ibahari ntoyi ya Baltike iri mu maja ruguru y’ibahari ya Atalantika.
Ibahari “Baltique” ikikijwe n’ibihugu vya Danemarke, Esitoniya, Finilande, Ubudagi, Lativiya, Lituwaniya, Polonye, Uburusiya n’Ubusuwede. Abategetsi b’Ubudagi batangaza kandi ko ata vyuma vyo guhanahana amakuru izo ndege zari zifise.
Ejo, igihugu ca Noruveje naco cari catangaje ko cabonye indege za gisirikare z’Uburusiya hejuru y’ibahari ya Barenti iri mu buraruko bwa Finlande. Noruveje isigura ko izo ndege zarimwo iz’intambara n’izindi z’ubundi bwoko.
Hagati aho, Ukraine yavuze ko igitero ca Misile Uburusiya bwaraye bugavye ku nzu ndangamico iri mu gisagara ca Kupiasnk, cahitanye n’imiburiburi abantu babiri, gikomeretsa abagera ku icumi. Ukraine yagabishije ko ibwirizwa gusubiriza mu ndumane Uburusiya. (AP, AFP, REUTERS)
Facebook Forum