Uko wahagera

Burundi: Malariya Igeramiye Abavyeyi b'i Makamba


Ifoto ngereranyo y'umupfasoni yibungenze

Kuri uyu wa 25 ndamukiza, amakungu arahimbaza umusi wahariwe kurwanya indwara ya Malariya. Mu Burundi, iyo ndwara iri mu zifata abantu benshi kandi ikabahitana. Abavyeyi bibungenze bo barakarirwa n’iyo ndwara mbere bigashika n’imbanyi bibungenze igakoroka.

Mu mwaka w’2022, ishirahamwe ryishinze ineza y’abana UNICEF, ryaharuye abantu bagera ku 7.293.316 bivuje indwara ya Malariya mu Burundi. Ivyo biharuro vyerekana ko ugereranije n’umwaka wa 2021, Malariya yiyongereye ibice 19%.

Uburundi buri mu bihugu 20 vya mbere kw’isi bibangamiwe na Malariya kandi yica abantu benshi. Ivyo bimeze uko mu gihe uko umwaka utashe hatangwa imisegetera yo gukinga imibu ntikurye mu gihe uba uryamye. Ku mugwa mukuru wa Makamba, Ijwi ry'Amerika ryabajije bamwe mu bahaba ukugene ukugene bakoresha umusegetera.

Ariko, uriko uraca mu mihana y’aho i Makamba, urasanga umusegetera bawukoresheje ibindi. Hari abawukoresha mu kuzitira imirima. Abandi bakawubakisha imigina mu gihe c’iswa.

Bamwe mu banyamakamba barawubakisha inzu z’inkoko. Hari n’abandi iyo hageze kwimbura ibiharage ari wo babitekeranwo kugira ibimenetse ntibikoroke hasi. Mu kiyaya c’imbo, haravugwa abawurobesha muri Tanganyika. Mu mpera z’umwaka w’2022, haratanzwe imisegetera igera ku 6.648.611 mu Burundi ariko ntikibuza ko abantu baguma bandura Malariya. Mu migwi ikarirwa n’indwara ya Malariya, kandi ikagira ingaruka mbi, harimwo uw’abakenyezi bibungenze.

Kw’ivyariro ry’I Makamba, muri aya mezi atatu atangura umwaka, bakiriye abakenyezi 61 bagwaye malariya, mbere barabaryamika muri iryo vyariro kugira babakurikirane neza.

Muri abo bagore 61, abagera kuri 15 imbanyi zabo zarakorotse biturutse kuri iyo ndwara. Nitereka Joséphine twamusanze ku musego muri iryo vyariro. Ni ubugira kabiri afatwa na Malariya kandi yiibungenze. Imibu yamuteye malariya ntiyamuririye mu gitanda kuko arifuka umusegetera.

Ariko rero hari abavyeyi baja gupimisha imbanyi batevye, bigatuma bataronka ivyo bibafasha kwingira malariya. Kugira abajejwe amagara y’abavyeyi bashobore gukurikirana ko imisegetera itangwa ikoreshwa igikorwa yagenewe, barashizeho abaremeshakiyago, bakorera mu kibano.

Abo nabo baranaja mu nzu kuraba ko koko umusegetera ukoreshwa ico wagenewe. Abo baremeshakiyago baragerageza guhimiriza kugira abantu bakure ivyo vyose bituma imibu igwirirana.

Uburundi bwahimbaje uwo musi ku civugo kigira giti, “Twisunge ubuhinga bugezweho, turandurane n’imizi indwara ya Malariya. Muganga Siriviya Nzeyimana ati tubandanya dutanga imisegetera irimwo umuti wica imibu, gupompa hakoreshejwe umuti wica imibu vyabereye mu duce tumwetumwe twa Ngozi na Muyinga.

N’urucanco rwa Malariya ruzohabwa abana kandi ibikorwa bikorwa bijanye biriko birategurwa. Kugira bashike kw’ihangiro ryo gutuza Malariya ni ugukoresha neza umusegetera. Uwumvise ibimenyetso vya Malariya yonyaruka kwa Muganga kandi agafata neza imiti bamuhaye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG