Uko wahagera

USA: Prezida Biden Yatangaje ko Azokwitoza mu2024


Prezida w'Amerika Joe Biden atangaza Kwongera Kwitoza
Prezida w'Amerika Joe Biden atangaza Kwongera Kwitoza

Prezida wa Reta z’ubumwe z’Amerika, Joe Biden, uno musi ku wa kabiri yatangaje icese ko azosubira kwitoza mu mabanga y'umukuru w'igihugu mu mwaka w'i 2024.

Prezida Biden, azoba afise imyaka 86 mu mpera z’ikiringo ciwe ca kabiri, yibaza ko ivyo yashoboye kurangura mu kiringo ca mbere mu bijanye n’amategeko, hamwe n’imyaka irenga 50 y’ukuba amenyereye politike iya reta ya Amerika, bizomufasha kurusha amakenga ahagaze ku mpungenge zihari ku vyerekeye imyaka yiwe.

Kugenwa n’umugambwe wiwe w’abademsokrate bizokworoha, mu gihe ata bazohiganwa bikomeye nawe bahari muri uwo mugambwe. Yamara gutsindira ikiringo ca kabiri mu mabanga y’umukuru w’igihugu ntibizomworohera mu gihe igihugu ciciyemwo ibice bikomeye.

Joe Biden yatangaje uyo mugambi wiwe, abicishije kuri videwo yamaze iminuta 3. Atangaje iyo nkuru ku musi wo kwibuka imyaka 4 irangiye atangaje ko azokwitoza mu mabanga y’umukuru w’igihugu mu mwaka w’i 2019. Ico gihe yari yemeye guhuza Abanyamerika mu gihe c’intwaro ya Prezida Donald Trump. Yamara ni umugambi atashoboye gushikako gushika ubu.

Prezida Biden yatangaje ko ariko aharanira akaranga k’Abanyamerika. Yavuze ko Abanyamerika bahanganye n’ikibazo co kumenya niba mu myaka iri imbere bazoba bafise ubwigenge n’uburenganzira kurushiriza canke bafise buke.

Mu gihe kurondera gusubira kwitoza ku baprezida bo mu bihe vya vuba muri Amerika bitabaye ikibazo, ibintu siko bimeze kuri Prezida Biden. Hari abahurikiye mu mugambwe wiwe w’Abademokrate batari bake mu bipfuza ko adasubira kwitoza, kubera imyaka yiwe. Biden yavuze ko ivyo vyumvikana. Yamara ni ibintu atashatse kuvugako mw’ijambo yashikirije akoresheje videwo yatangaza ko azosubira kwitoza mu kiringo kigira kabiri. Prezida Biden yatangaje ko iki atari igihe co kurera amaboko, ko ari co gituma yafashe ingingo yo gusubira kwitoza. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG