Uko wahagera

Amerika Yafatiye Ibihano Abategetsi 5 Bahohoteye Abari mu Myiyerekano muri Irani


Demonstrators march past the U.S. Capitol in Washington during a Dec. 17, 2022, rally and vigil in solidarity with rallies in Iran
Demonstrators march past the U.S. Capitol in Washington during a Dec. 17, 2022, rally and vigil in solidarity with rallies in Iran

Reta zunze ubumwe za Amerika kuri uyu wa mbere yafatiye ibihano abategetsi bane muri Irani. Ibagiriza gukubagura abanyagihugu bagiye mu myiyerekano mu mwaka uheze biyamiriza igiporisi inyuma y’ifatwa n’urupfu rw’umwigeme yapfunzwe yagirizwa guca kubiri n’imico n’akaranga ku bijanye n’inyambaro.

Amerika yahanye kandi umutegetsi agira gatanu yagiriza kuba yarahagaritse urubuga rwa interineti rutanga amakuru kandi rukundwa cane. Yagirizwa kandi gusuma urusaku ku bamenyeshamakuru hamwe n’abaterekwa ubutegetsi.

Bugize incuro ya cumi n’imwe ubushikiranganji bw’ikigega bwa Amerika bushira ku rutonde rwirabura abategetsi bo muri Irani bagize uruhara mw’iyicwa ry’umwigeme w’imyaka 22 Mahsa Amini. Amerika ihambije Ubwongereza nabwo nyene buza bwaramaze gufatira ibihano abo bategetsi.

Abanyagihugu ba Irani baharurwa mu majana barishwe muri iyo myiyerekano hamwe n’igitigiri giko c’abajejwe umutekano hamwe n’abaporisi.

Ibi bihano bibuza abo bategetsi ba Irani gukoresha amatungo ayari yo yise ari ku butaka bwa Amerika. Bibuza abanyamerika gukorana nabo ibikorwa vyose vy’ubudandaji.

Abafatiwe ibihano ni Parviz Absalan, Amanollah Goshtasbi na Ahmed Seyedoshohada bo mu gisirikare ca Iranihamwe na Salman Adinehvand, komanda mu giporisi c’i Teherani ku murwa mukuru wa Irani. (VOA News)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG