Muri Afrika y’Epfo abagabo batatu bafashwe, bagirizwa kuba barivye ingona y’imetero 2.5, ifise agaciro k’amadolari $1,300. Igipolisi gitangaza ko bayivye bayikuye mu kibanza yari itungiwemwo mu buraruko bushira uburengero bw’igihugu.
Abo bagabo bari hagati y’imyaka 20 na 35, bakekwa kuba bakoresheje imodoka y’ikamyo, ifise ikibanza kinini inyuma mu gukura iyo ngona mu kibanza cororerwamwo izindi ngona mu karere ka Hartbeesfonstein kari ku birometero 200 mu burengero bwa Johannesburg.
Abo bagabo bafashwe mu ndwi iheze. Bari bapfukiriye iyo ngona n’amababi y’ibiti hamwe n’ivyatsi, kugira ngo ntihagire abayibona. Vyongeye, yari iboshwe n’imigozi kandi yaguye umwuma, nk’uko vyatangajwe n’umuvugizi w’igipolisi Col. Adele Myburgh. Uyu amenyesha ko amatohoza yo kumenya ukuntu bivye igikoko kingana gurtyo, bakanagikura aho cororerwa, yatanguye.
Afrika y’Epfo gisanzwe gifise ikibazo c’ubusuma bw’ibikoko. Yamara ingona ntizari mu bikoko bikunda kwibwa no guhigwa n’abagizi ba nabi kubera ari ibikoko bitinyitse, bishobora kugeramira ubuzima bw’ababihiga. (AP)
Facebook Forum