Uko wahagera

Indege y'Uburusiya Yarashe Bombe mu Gisagara Cabwo


Ahatewe bombe uno munsi
Ahatewe bombe uno munsi

Igisirikare c'Uburusiya, uno musi ku wa gatanu, cemeje ko bombe yatewe n'imwe mu ndege zayo z'ingwano, yatewe bivuye ku mpanuka, iturikira mu gisagara ca Belgorod ku butaka bw'Uburusiya, hafi y'urubibe na Ukraine. Abantu babiri bakomeretse mu gihe ababa muri ico gisagara batekewe n'ubwoba.

Iyo bombe, yaturikiye mu gisagara ca Belgorod, mw’ijoro ry’ejo ku musi wa kane, yari ikomeye cane kurusha amabombe yatewe muri ico gisagara imbere y’aho.

Ababonye ivyabaye batangaje ko inguvu z’iyo bombe zatumye inyubakwa z’amagorofa ziri hafi y’aho yaturikiye, zinyiganga, amadirisha yazo aramenagurika. Iyo bombe yasize ikinogo c’imetero 20 mu bwaguke mw’ibarabara rikikujwe n’inyubakwa z’amagorofa. Yononye imodoka zitari nke.

Hafi y’isaha imwe inyuma y’aho, ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi bw’Uburusiya bwaciye butangaza ko iyo bombe yakorowe n’imwe mu ndege z’ingwano z’ico gihugu, Su-34, ku mpanuka. Nta birenga aho ubwo bushikiranganji bwatangaje. Yamara abahinga b’abasirikare bavuze ko iyo bombe ishobora kuba yapima ibiro amajana atanu.

Belgorod ni igisagara kirimwo abantu 340,000 kiri ku bilometero 40 mu buseruko bw’urubibe hagati y’Uburusiya na Ukraine. Ico gisagara cageramiwe n’ibitero vy’indege zitagira abadereva bita drone mu kiringo Uburusiya bumaze bukora ibitero muri Ukraine. Abategetsi b’Uburusiya bagirije igisirikare ca Ukraine ku bitero vyabaye imbere y’aho, ibitero Ukraine yirinze kwemanga ku mugaragaro ko ariyo yabikoze. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG