Ikigega ca ONU citaho abana, UNICEF, cagabishije ko abana benshi bashobora guhitanwa n’indwara zishobora kwirindwa. UNICEF isigura ko ikiza ca Covid-19 catumye ibitigiri vy’abizera incanco zitandukanye ku bana, bigabanuka.
UNICEF yemeza ko abanyagihugu bo mu bihugu 52 kuri 55 yakoreyemwo amatohoza, batagihurumbira incanco. UNICEF igasanga abana benshi bashobora kuzohitanwa n’indwara zisanzwe zikingwa n’incanco.
UNICEF ivuga kandi ko mu bihugu yakoreyemwo amatohoza, bitatu vyonyene ari vyo vyagumanye icizere ku ncanco z’abana. Ivyo bihugu ni Ubushinwa, Ubuhindi na Megisike. UNICEF ivuga ko muri ivyo bihugu icizere ku ncanco, ciyongeye.
Ibihugu biri mu vyo UNICEF yemeza ko biri mu bitacizera incanco kuri 55 yakoreyeko amatohoza navyo birimwo Ghana, Senegali, Koreya n’Ubuyapani.
Umurwi w’abantu bahigimanze ku vy’incanco z’abana mu bihugu UNICEF yakoreyemwo amatohoza, urimwo ahanini abavyeyi bari munsi y’imyaka 35, n’abagore muri rusangi.
Raporo ya UNICEF ibandanya yerekana ko hagati y’umwaka w’2019 n’2021, igihe Covid-19 yari igikaze, abana baharurwa mu mamiriyoni 67 basivye n’imiburiburi urucanco rumwe mu zo bari bategerezwa kuronka. Abababa igice c’izo miriyoni z’abana bari ku mugabane wa Afrika nk’uko UNICEF ibandanya ibivuga.
Abahinga mu vy’amagara y’abantu bemeza ko ku mwaka ku mwaka, abana bagera ku miriyoni 4 barusimba kubera incanco bahawe. (VOA News)
Facebook Forum