Uko wahagera

Yemeni: Imisunikano Yahitanye Abagera ku 85 Ikomeretsa Abarenga 320


Ahabereye imisunikano muri Yemeni
Ahabereye imisunikano muri Yemeni

Muri Yemeni, abantu bagera ku 85 baraye baguye mu misunikano yabaye bariko bahabwa imfashanyo. Abakomerekeye muri iyo misunikano bamaze kumenyekana barenga 320.

Iyo misunikano yabereye kw’ishure riri ku murwa mukuru Sanaa, uri mu minwe y’abarwanyi bo mu bwoko bw’aba Houthi. Ni imisunikano yabaye igihe abaharurwa mu majana bariko baronswa imfashanyo y’amafaranga.

Mu baguye muri iyo misunikano, harimwo abana n’abagore nkuko isoko ry’itororokanirizo ry’amakuru y’Abafaransa, AFP, ribivuga. Abagera kuri 50 mu bakomeretse ni indembe.

Bamwe mu bari ahatangiwe imfashanyo bavuze ko basunikanye inyuma yo kwumva amasasu menshi avugira mu micungararo yaho bari.

Abategetsi b’igisagara ca Sanaa bavuze ko bataye muri yompi “Abadandaza bari batunganije igikorwa co gutanga imfashanyo y’amafaranga.”, bongera bashinga umurwi ukora amatohoza y’icatumye iyo misunikano iba.

Hambavu y’intambara ihanze abanyagihugu ba Yemeni, bugarijwe n’ubukene, inzara, ikena ry’amazi meza, n’ibiza bitandukanye. Bitatu vya kane vy’abanyagihugu muri Yemeni babeshejweho n’imfashanyo mvamakungu. Ni mu gihe izo mfashanyo zitera zigabanuka. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG