Uko wahagera

USA Isaba Turukiya na Hongriya Kwihutisha Ukwinjira k'Ubusuwedi muri OTAN


Umushikiranganji w'imigendranire y'Amerika n'ayandi makungu, kumwe n'uw'umutekano
Umushikiranganji w'imigendranire y'Amerika n'ayandi makungu, kumwe n'uw'umutekano

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, uno musi ku wa gatatu, yasavye Turkiya na Hongriya kwihutira kwemeza ukwinjira kw'Ubusweda mw'ishirahamwe ry'ukwivuna abansi ry'ibihugu vyo mu buraruko bw'ibahari Atlantike, OTAN.

Turkiya na Hongriya vyarazibiye ivyerekeye kwemeza ukwinjira icese kw’Ubusweda muri OTAN mu kiringo c’amezi atari make bivuye ku matati atari make yabaye y’Ubusweda n’ivyo bihugu bibiri. Umushikiranganji wo kwivuna abansi w’Amerika, Lloyd Austin, yatangaje ko biteguriye kwakira vuba Ubusweda nk’igihugu kigira ica 32 mw’ishirahamwe OTAN. Yavuze ko biteze ko ivyo biba imbere y’ikoraniro rya OTAN ritegekanijwe mu kwezi kw’indwi kw’uyu mwaka.

Lloyd Austin, yasavye ibihugu vya Turkiya na Hongriya, bicuditse na Amerika, kwemeza ukwinjira icese kw’Ubusweda muri OTAN mu buryo bwihutirwa bushoboka. Lloyd Austin yabitangaje mu rugendo arimwo mu Busweda. Yatangaje ko Amerika yongereje igitigiri c’abasirikare baco mu Busweda. Yavuze kandi ko
bongereje ibitigiri vy’amato n’indege z’ingwano bigendera ico gihugu, mu vyerekana ukugene babandanya kugishigikira bikomeye.

Ubusweda na Finlande vyasavye kwinjira mw’ishirahamwe OTAN mu kwezi kwa gatanu mu mwaka urangiye w’i 2022. Hari inyuma y’uko Uburusiya buteye Ukraine. Ivyo bihugu bibiri vyavavanuye n’imyaka 200 vyari bimaze ata ruhande na rumwe vyegamiyeko mu vya gisirikare. Yamara mu gihe Finlande yashoboye kwinjira icese mw’ishirahamwe OTAN kw’itariki 4 y’uku kwezi kwa kane, aho yabaye igihugu kigira ica 31 muri iryo shirahamwe, ukwemererwa icese kw’Ubusweda kuracarwanywa n’ibihugu nka Turkiya na Hongriya. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG