Ubudagi bwihaye amezi ari hagati y'i 9 na 12 kugira bube bwakuye abasirikare babwo muri Mali. Ubudagi bwafashe iyo ngingo bifatiye ku kugene ibintu vyifashe muri iki gihe muri Mali ku ntwaro y’igisirikare muri ico gihugu.
Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi w’Ubudagi, Boris Pistorius, yagenywe muri ayo mabanga mu kwezi kwa mbere kw’uyu mwaka, yaragendeye ku musi wa kane inteko z’Ubudagi ziri mu nteko z’ishirahamwe mpuzamakungu ONU zijejwe gucungera umutekano zizwi kw’izina rya MINUSMA, mu karere ka Gao mu buraruko bwa Mali. Ni imbere y’uko izo nteko ziva muri ico gihugu mu kwezi kwa gatanu kw’umwaka uza w’i 2024.
Bori Pistorius yari aherekejwe n’umushikiranganji ajejwe iterambere, Svenja Schulze. Pistorius yatangaje ko igikorwa co gukura abasirikare baco muri Mali atari igikorwa coroshe, ko kizofata hagati y’amezi 9 gushka kuri 12 bivuye ku kugene kizogenda.
Pistorius yashimikiye ku kamaro k’inteko z’igihugu ciwe, cane cane ku bijanye n’ugutororokanya amakuru y’iperereza. Yamara haheze amezi atari make bitagishoboka ko Ubudagi bugumiza abasirikare babwo muri Mali.
Abasirikare bafashe ubutegetsi muri Mali batembagaje ubutegetsi bwa gisiviri mu mwaka w’i 2020, baravuye mu masezerano bari bagiraniye n’Ubufransa n’ibindi bihugu vyakorana vyo ku mugabane w’Ubulaya mu rugamba rwo kurwanya intangondwa z’abayislamu. Abo bategetsi b’abasirikare bahisemwo ah’ubwo gukorana n’Uburusiya mu bijanye na politike n’igisirikare. (AFRICANEWS)
Facebook Forum