Uko wahagera

USA: Umusore w'Imyaka 21 Yagirizwa Kumena Amabanga Akomeye y'Igisirikare Imbere y'Ubutungane


Jack Douglas Teixeira yagirizwa kumena amabanga y'Amerika
Jack Douglas Teixeira yagirizwa kumena amabanga y'Amerika

Umusore w’imyaka 21 yatawe muri yompi ejo ku wa kane, yagirizwa kumena amabanga akomeye y’igisirikare c’Amerika uno munsi ararengutswa imbere y’ubutungane.

Jack Teixeira, ari mu murwi w'abasirikare igihugu gishobora kwikorako igihe bikenewe (Inseruka rukamvye). Aza kurenguka imbere y’ubutungane bw’igisagara ca Boston co muri Reta ya Massachusetts, iyo asanzwe akorera.

Ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi muri Amerika, Pentagone, buvuga ko Jack Teixeira, yagirizwa gushira kuri intereneti amabanga y’agaca mutwe ku vy’intambara ya Ukraine n’Uburusiya.

Uwo musore w’imyaka 21 yoba kandi yamenye amabanga arimwo ingene Amerika ivana amakuru y’iperereza mu ncuti zayo magara zirimwo Isirayeri na Koreya y’Epfo.

Ikinyamakuru Washington Post gikorera muri Amerika, kivuga ko mu kiringo c’ “amezi”, Jack Teixeira yamenye ayo mabanga abicishije ku rubuga rwitwa Discord, akoresheje amazina ya “OG”.

Urwo rubuga Jack Teixeira yiyitako “ OG” yaruhurirako n’abandi bantu 24 barimwo abo mu Burusiya na Ukraine. Ni urubuga bahurirako kuva mu 2020, aho ahanini basangira ibiyago bijanye n’ivya gisirikare, bakarabana amareresi arimwo imikino y’inkoho, kandi bagasengera hamwe. Jack Teixeira ni we yatwara uwo murwi.

Washington Post irabandanya ikavuga ko Jack Teixeira yoba yari yasavye bagenzi biwe bahurira ku rubuga rwa Discord kudatangaza impapuro zose yabahaye, asigura ko atipfuza ko zoja ahabona. Ico kinyamakuru kivuga ko uwo musore yavuga nabi ubutegetsi bw’Amerika, akabwagiriza kwiheka ku gikenye cabwo mu bitandukanye vy’iperereza n’ivya gisirikare.

Pentagone yavuze ko gushira hanze ayo mabanga, vyashize mu kaga katagira izina umutekano w’igihugu. Amabanga yamenye aza imbere mu yakomeye amaze kuja hanze muri ino myaka cumi iheze.

Ibiro vya perezida w’Amerika, White House, vyatangaje ko Perezida Joe Biden iyo ari mu rugendo muri Irlande, yavuze ko ahangayikishijwe n’ivyabaye. Itororokanirizo ry’amakuru y’Abafansa, AFP, ryumvikanishije naryo ko ino dosiye ishize mu kaga reta iramutswa Joe Biden.

Jack Teixeira mu vyo yari ashinzwe mu kazi kiwe ka misi yose, harimwo ivyo kugenzura amakuru y’igisata akorera.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG