Uko wahagera

FBI Yahagaritse Uwukekwa Gusohora Amabanga y'Igihugu


Abaporisi ba FBI bahagaritse Jack Teixeira, yagirizwa gusohora amabanga y'igihugu muri Dighton, Massachusetts, kw'itariki ya 13/04/2023
Abaporisi ba FBI bahagaritse Jack Teixeira, yagirizwa gusohora amabanga y'igihugu muri Dighton, Massachusetts, kw'itariki ya 13/04/2023

Igiporisi c’inyamiramabi co muri Reta zunze ubumwe za Amerika FBI cafashe umugabo w’imyaka 21 akekwa gusohora amabanga y’igihugu. Umushikiranganji w’ubutungane Merrick Garland yabitangaje kuri uyu wa kane, yavuze ko uwo mugabo akora mu gisata c’igisirikare kirwanira mu kirere.

FBI yavuze ko Jack Teixeira, akorera muri rimwe mw’ibaba ry’iperereza ry’igisirikare kirwanira mu karere ryo muri reta ya Massachusetts yahagaritswe asanzwe ku rugo iwe mu gisagara ca Dighton, muri iyo reta nyene.

Amatohoza aracabandanya, kandi FBI yavuze ko abakozi bayo bariko barabandanya ibikorwa aho yafatiwe.

Umushikiranganji Garland yavuze ko Teixeira yafashwe ku matohoza yo kwimura, kunyegeza no gukwirakwiza amabanga yo mu gisata co kwivuna abansi.

Ico caha gihanishwa umunyororo w’imyaka 10.

Ayo makuru yo mw’ibanga aheruka gukwirakwizwa yerekeye ay’igendereza rya Amerika ku ntambara yo muri Ukraine hamwe n’ayandi mabanga ahambaye cane.

Garland yavuze ko Teixeira agiye kuzorengutwsa muri sentare ya reta i Boston. Ariko ntiyatanze itariki.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG