Uko wahagera

Ubutariyano na FMI mu Nzira zo Gufasha Tuniziya Kuva mu Bukene


Antonio Tajani, umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Ubutariyano n'ayandi makungu
Antonio Tajani, umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Ubutariyano n'ayandi makungu

Ubutaliyano bwatangaje ko bugiye kuyaga n’ikigega mpuzamakungu FMI mu mugambi wo gufasha Tuniziya kuva mu bibazo vy’ubutunzi bigihanze, hamwe n’ibibazo vy’abimukira binjira mu bihugu vya Bulaya.

Umushikiranganji w’Ubutaliyano ajejwe imigenderanire, Antonio Tajani, ni we yatangaje uyo mugambi igihe c’inama yagiranye na mugenzi we w’igihugu ca Tuniziya, ajejwe imigenderanire, Nabir Ammar.

Umushikiranganji Ammar yibukije ko igihugu ciwe ca Tuniziya gihanzwe n’ibitigiri biguma vyiyongera vy’abimukira baciye ku rubibe rwa Libiya, bagiye kurondera ubuzima bwiza mu bihugu bya Buraya.

Umushikiranganji Tajani w’Ubutaliyano yavuze ko agiye kuyaga n’ikigega mpuzamakungu FMI kuri uyo mugambi wo gufasha Tuniziya kuronka ingurane yotangwa mu biringo bibiri.

Ubutaliyano bwipfuza ko Tuniziya gisanura ubutunzi bwaco kuko ico gihugu cahindutse ikibanza abimukira bashika ibihumbi 31 baciyemwo muri uyu mwaka kugira bashike mu Butaliyano. (AP).

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG