Uko wahagera

Noruveje Yirukanye Abadipolomate 15 b'Uburusiya


Anniken Huitfeldt, umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Noruveje n'ayandi makungu
Anniken Huitfeldt, umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Noruveje n'ayandi makungu

Noruveje yirukanye abadipolomate 15 b'Uburusiya. Umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Noruveje n’ayandi makungu, Anniken Huitfeldt, yatangaje ko abo bose birukanywe bagirizwa gusumira urusaku Uburusiya.

Bompi uko ari 15 bakorera ambasade y’Uburusiya muri Noruveje. Reta y’ico gihugu yabahaye ikiringo gito, bakaba bakinjuye muri ico gihugu. Noruveje yemeza ko imikorere y’abadiplomate birukanywe inyuranye n’amategeko agenga abadiplomate bemererwa gukorera muri ico gihugu.

Noruveje yishimiye ino ngingo ivuga ko izotuma “ibikorwa vy’abakorera iperereza ry’Uburusiya ku butaka bwayo bigabanuka”, ikongera igakomeza umutekano n’inyungu z’igihugu.

Noruveje yafashe kandi ingingo yo kutongera guha za viza abakorera iperereza ry’Uburusiya. Umushikiranganji w’imigenderanire ya Noruveje n’ayandi makungu yumvikanishije ko ibi bidasiguye ko Noruveje itipfuza imigeneranire ya kidiplomasiya n’Uburusiya. Yagize ati: “Abadiplomate b’Uburusiya barahawe ikaze muri Noruveje. Turipfuza imigenderanire n’Uburusiuya, ariko amategeko yubahirijwe.”

Uburusiya bwabwiye ibimenyeshamakuru Tass na RIA bikorera muri ico gihugu ko buza gusubiriza mu ndumane Noruveje. Abadiplomate 15 b’Uburusiya Noruveje yirukanye baje bakurikira abandi 3 ico gihugu cirukanye mu mwaka uheze, kibagiriza gukorera iperereza ry’Uburusiya. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG